Uko wahagera

Trump Aripfuza Guhurira mu Kiganiro na Kamala Bazohiganwa mu Matora ya Amerika


Donald Trump yahoze ari prezida wa Amerika akaba n’umukandida w’abarepublikane mu matora yimirije aripfuza guhurira mu kiganiro kamarampaka na Kamala Harris azoba ahagarariye abademokrate mu matora yo mu kwezi kwa cumi na rimwe.

Ubutumwa Trump yashize ku rubuga, Truth Social, yitangurije, buvuga ko Trump yamaze kumvikana na tereviziyo Nyamerika Fox News ko ico kiganiro coba igenekerezo rya kane ukwezi kw’icenda.

Ntiyigeze atomora ko mukeba wiwe Kamala Harris yemeye kuzoba muri ico kiganiro. Kamala Harris asanzwe ari visi prezida wa Amerika nawe nyene ntaco arabivugako.

Ubutumwa bwa Trump bwasohotse inyuma y’amasaha make umugambwe w’abademokrate wemeje ku mugaragaro Kamala Harris nka kandida wawo mu matora yo mu kwa cumi na rimwe.

Ku wa mbere ni ho bitegekanijwe ko Kamala Harris yemera ku mugaragaro igenwa ryiwe nka kandida w’abademokrate.

Umugambwe w’abademokarte wahisemwo Kamala Harris nka kandida wawo inyuma y’uko Joe Biden ahevye kuzohiganira amatora ya prezida ku ruhande rw’abademokrate.

Prezida Joe Biden yavanye akarenge mu vyo guhiganira manda ya kabiri, inyuma y’ikiganiro mpaka yakoranye na Trump, benshi bakamwagiriza ko "yagikoze nabi, biboneka ko atagishoboye gutwara kubera utuguvu duke tw’ubusaza"

Ikiganiro ca kabiri hagati y’umukandida w’abademokrate n’uw’abarepublikane cari kuba igenekerezo rya 10 ukwezi kw’icenda, ariko Donald Trump ahitamwo kutakijamwo avuga ko atokorana ikiganiro na Kamala kandi umugambwe wiwe utaramwemeza ku mugaragaro nk’umukandida wawo mu matora.

Kamala Harris we yamwishuye avuga ko yibaza ko azokwemera bakanyinyuranira mu kiganiro. Donald Trump yavuze ko ikiganiro ciwe na Kamala kikaramuka kibaye, kizobera muri reta ya Pennsylvanie kandi kizobera aho ababishaka bashobora kuza kukiraba imbonankubone. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG