Uko wahagera

Ibikorwa vyo Kurondera 15o Bari mu Bwato Bwibiye muri Atlantike Birabandanya


Ishirahamwe mpuzamakungu rikwirikirana abimukira ritangaza ko abimukira batari bake barapfuye, abandi bagera ku 150 ntibaboneka, inyuma y'uko ubwato barimwo buzamye mu mazi y'ibahari Atlantike hafi y'igihugu ca Moritaniya.

Vyatumye haba igikorwa co kurondera no gutabara aboba barokotse. Abimukira 300 ni bo bari mu bwato bwazamye ku musi wa mbere hafi y’umurwa mukuru wa Moritaniya, Nouakchott. Muri bo, 120 batabawe n’abajejwe gukingira imbibe zo mu mazi b’ico gihugu.

Abo bimukira bari mu bwato bukoreshwa mu kuroba, bushobora kurengerwa n’imikuba ikomeye yo mw’ibahari Atlantike. Mu batbawe ku musi wa mbere, harimwo abana 4 batari kumwe n’abavyeyi babo. 10 mu batabawe bajanwe mu bitaro kugira bavurwe.

Ibitigiri binini vy’abimukira, mu myaka irangiye baravuye mu karere ko muri Afrika yo mu burengero baciye muri Senegal. Bategerezwa guca mu mazi y’ibahari Atlantike yegereye Moritaniya kugira bashobore gushika mu mazinga ya Canary yegukira igihugu ca Espanye.
Mu gihe abantu ibihumbi n’ibihumbi barusimvye muri urwo rugendo ruba rutoroshe na gato, abandi batari bake barapfuye, abandi barabura. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG