Uko wahagera

Umushikiranganji wa Mbere w'Ubutariyano Azogendera Ubushinwa


Umushikiranganji wa mbere w'Ubutaliyano, Giorgia Meloni, azogira urugendo rw'imisi 5 mu Bushinwa. Ni urugendo rwa mbere Meloni azoba agize mu Bushinwa kuva ashitse ku butegetsi haraheze hafi y’imyaka ibiri.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubushinwa, Mao Ning, yatangaje ko urwo rugendo ruteganijwe kuva kuri uyu wa gatandatu kw’italiki 27 gushika kuri 31 z’uku kwezi kw’indwi ku butumire bw’umushikiranganji wa mbere w’Ubushinwa Li Qiang.

Mao Ning yatangaje ko Meloni azobonana na Prezida w’Ubushinwa, Xi Jinping, hamwe n’umushikiranganji wa mbere Li Qiang. Yongeyeho ko abo bategetsi ku vyerekeye imigenderanire n’ibibazo biraje ishinga ivyo bihugu vyompi.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Ubutaliyano, Antonio Tajani, yaragendeye Ubushinwa mu mwaka urangiye. Ico gihe, yarabonanye na mugenziwe b’Ubushinwa Wang Yi. Mu kwezi kwa kane, Tajani yavuze ko Ubutaliyano bufise imigambi yo gukomeza ubudandaji n’Ubushinwa, kandi ko imigenderanire n’Ubushinwa ari myiza, naho hari uguhiganwa hagati y’ibihugu vyompi. AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG