Uko wahagera

Eritreya Yahagaritse Ingendo z'Indege za Etiyopiya ku Butaka no mu Kirere Cayo


Eritreya yaziririje indege zose zitwara abantu z'igihugu ca Etiyopiya mu kirere cayo kuva kw'italiki 30 y'ukwezi kw'icenda kuza. Reta ya Eritreya yagirije ishirahamwe ry’indege zitwara abantu rya Etiyopiya harimwo ubusuma bw’imizigo y’abagira ingendo, kutubahiriza amasaha no kuduza mu buryo budasiguritse ibiciro n’ibindi.

Ishirahamwe ry’indege zitwara abantu rya Etiyopiya, Ethiopian Airlines ryemeje ko abategetsi ba Eritreya barimenyesheje ku ngingo bafashe. Iryo shirahamwe ryatangaje ko ririko rirondera umuco ku vyerekeye iyo ngingo. Ryavuze ko ryiteguriye gukora ibishoboka vyose kugira ibibazo ivyari vyo vyose bitorerwe inyishu mu mwumvikano no mu buryo bwihuta.

Abategetsi ba Eritreya bavuze ko bafashe ingingo yo guhagarika ingendo z’indege zitwara abantu za Etiyopiya inyuma y’uko basavye akatari gake “Ethiopian Airlines” gutorera inyishu ibibazo bashikirije. Basavye abo ari bo bose bafise imigambi yo kugira urugendo n’indege zitwara abantu za Etiyopiya ribajana muri Eritreya guhindura imigambi yabo.

Ishirahamwe ry’indege zitwara abantu za Etiyopiya zari zasubiye kugira ingendo ku murwa mukuru wa Eritreya, Asmara, mu kwezi kw’umunani mu mwaka w’i 2018. Hari inyuma y’uko Etiyopiya na Eritreya bisubiye kugirana imigenderanire myiza. Iryo shirahamwe riri mu minwe ya reta ni ryo rikomeye cane ku mugabane wa Afrika ry’indege zitwara abantu umuntu aravye amafranga rironka. Ni ryo kandi riza imbere y’ayandi muri Afrika umuntu aravye igitigiri c’indege rikoresha hamwe n’abagira ingendo barikoresha. (AFRICANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG