Uko wahagera

Amabi Akorerwa Abakenyezi mu Bwongereza Ageze ku Rugero rwo Gufatwa nk’Iterabwoba


Mu Bwongereza, amabi akorerwa abakenyezi ageze ku rugero rwo gufatwa nk’ikiza akanagereranywa n’iterabwoba.

Abayobozi b’igipolisi c’Ubwongereza bavuga ko ayo mabi ku bakenyezi n’abakobwa asigaye ari umurengera.

Raporo yagiye ahabona kuri uno musi wa kabiri ivuga ko hagati y’umwaka wa 2022 na 2023 hibonekeje amabi akomeye yakozwe ku bakenyezi n’abakobwa barenga umuriyoni umwe.

Ayo mabi akaba angana n’ibice 20 kw’ijana vyose vyibonekeje mu gisata c’inyamiramabi ku mwaka. Iyo raporo ivuga kandi ko ubwicanyi bumwe muri butandatu bwakozwe bukorerwa mu ngo mu kiringo kimwe.

Iyo raporo igereranya ko buri mukenyezi kuri cumi na babiri ashobora kuzokorerwa amabi. Muriyo hakaba harimwo ayajanye n’igitsina, ugufatwa kunguvu, gukorwako igendereza, ugutotezwa, canke gukorerwa amabi ku mbuga ngurukanabumenyi.

Icegera c’umuyobozi mukuru w’igipolisi, Maggie Blyth, yavuze ko ibitigiri bisigaye “biteye agahinda” kandi ko bitera vyiyongera mu buryo budasanzwe buri mwaka.

Forum

XS
SM
MD
LG