Uko wahagera

Abahitanywe n'Imisozi Yasenyutse muri Etiyopiya Bageze ku 157


Hamwe mu hasenyutse imisozi
Hamwe mu hasenyutse imisozi

Igitigiri c'abantu bapfuye bahitanywe n'imisozi yasenyutse mu gice citwa Kencho Shacha Godzi, kiri mu bumanuko bwa Etiyopiya kigeze kw' 157.

Ico gice carageramiwe n’imvura y’isegenya. Umuyobozi mukuru waho, Dagmawi Ayele yatangaje ko abantu benshi bapfuye mu gihe bariko bagerageza gutabara abarokotse umusozi wari wasenyutse imbere yaho.

Abana bakiri bato n’abapfasoni bibungenze bari mu bahasize ubuzima. Igigitiri c’abapfuye ciyongeye mu kuva kuri 55 ku musi wa mbere gishika kw’i 157 kuri uyu wa kabiri.

Ni mu gihe ibikorwa vyo gutabara aboba barokotse vyabandanije ahabereye iryo sanganya. Benshi mu bapfuye bahitanywe n’umusozi wasenyutse mu gitondo co ku musi wa mbere.

Ni mu gihe abakozi bajejwe gutabara bariko barondera aboba barokotse igihe uwundi musozi wasenyuka umusi w’imbere yaho. Abantu batari musi ya 5 barashoboye gutabarwa ari bazima.

Isenyuka ry’imisozi ni ibintu biba kenshi muri Etiyopiya mu gihe c’agatasi. Ico gihe catanguye mu kwezi kw’indwi, bikaba vyitezwe ko kibandanya gushika hagati mu kwezi kw’icenda. (AFRICANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG