Uko wahagera

Somaliya: Abatari Bake Baguye mu Gutana mu Mitwe Hagati y'Ingabo za Reta na Al-Shabab


Qarax
Qarax

Abantu batari bake bishwe mu gutana mu mitwe kwabaye hagati y'inteko za Reta ya Somaliya n'abarwanyi b'umurwi al-Shabab mu bumanuko bwa Somaliya aho abarwanyi b’uwo murwi bagerageje kwigarurira amakambi 3 y’igisirikare ca reta.

Umwe mu bategetsi bajejwe umutekano ahabereye uko gutana mu mitwe yatangaje ko inteko za reta zatujije ibitero vy’umurwi al-Shabab. Zaturikije kandi ata kibazo kihabaye bome 4 zari zatezwe mu modoka ku bilometero biri hafi ya 80 mu bumanuko bushira uburengero bw’igisagara ca Kismayo mu ntara ya Jubbaland.

Amasanamu ya videwo abategetsi bo mu ntara ya Jubbaland bashize ku mbuga ngurukanababumenyi yerekanye ibiziga vy’abantu 35 bambaye impuzu za gisirikare hafi y’imihana y’ahitwa Buulo-Xaaji. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG