Urubanza Jacob Zuma yahoze ari prezida wa Afurika y’Epfo aburanamwo n’umugambwe ANC yabayemwo imyaka myinshi rwari kumvirizwa ejo ku gatatu rwegejwe imbere.
Urwo rubanza rushimikiye ku vyagiriji vy’urwego nyobozi rwa ANC rusaba ko Zuma afutwa burundu mu mugambwe kubera amakosa, arimwo kwitwara nabi yagirizwa.
Ni urubanza rwabereye ku buhinga bwa none, kandi Zuma ntiyigeze aruzamwo. Umugambwe wiwe mushasha, MK, wavuze ko yanse kurwitabira kubera ANC yanse ko rubera ku mugaragaro, abantu bose bavyipfuza bagashobora kurukurikirana nkuko Zuma abisaba.
Umugambwe ANC ico bikoze wemeye ko rwungururizwa ku munsi wa kabiri w’indwi iza nkuko uruhande rwa Jacob Zuma rubisaba.
Umugambwe ANC wirukanye Zuma mu kwezi kwa mbere k’uno mwaka. We yamara avuga ko akiri muri ANC. Kuva mu kwezi kwa gatanu k’uno mwaka, naho biri uko abarizwa mu wundi mugambwe yashinze ubwiwe, witwa, MK.
Jacob Zuma yinjiye mu mugambwe ANC, mu myaka y’1950, igihe uwo mugambwe watanguza urugamba rwo kwibohoza intwaro ya karyanishamiryango.
Akaramuka yirukanywe burundu muri uwo mugambwe, azoba abaye uwa mbere mu bigeze kuwurongora awirukanywemwo.
Ibere ryayaze hagati ya we na ANC mu 2018, igihe uwo mugambwe wamutegeka kwegura nka prezida wa Afurika y’Epfo. Umugambwe wari wamusavye kwegura kubera ikibazo c’ibiturire yagirizwa. (AFP)
Forum