Uko wahagera

Sudani mu Biganiro vy'Amahoro


Impande zitandukanye zerwa n’ikibazo c’intambara ya Sudani, zaraye zitanguye ibiganiro bigamije kuraba ingene hoboneka agahengwe n’umuti urama wa politike ku kibazo c’umutekano muri Sudani. Ivyo biganiro biriko bibera I Geneve ku murwa mukuru w’Ubuwisi.

Umwe mu bajejwe gutanga amakuru mw’ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, yatangaje ko ibiganiro vyo kuri Sudani, biza kandi kuvugigwamwo ingene abakorera ibikorwa vy’ubutabazi muri ico gihugu, bokoroherezwa mu kazi kabo kugira imfashanyo zishikire abanyagihugu vyoroshe, abasivile bagakingirwa bifatika.

Muri ivyo biganiro, abasirikare bafise ubutegetsi bwa Sudani n’umurwi wa gisirikare, Rapid Support Forces, ushaka kuja ku butegetsi, ntibaza kuganira imbonankubone. Baza kuba bahagarariwe n’abahuza babo.

Linda Thomas-Greenfield, aserukira Amerika muri ONU yabwiye tereviziyo Nyamerika, CBS News, ko, Tom Perriello, intumwa idasanzwe ya Amerika muri Sudani ari mu bitabiriye ibiganiro vyo kuri ino ncuro. Ni ibiganiro vyatumweko n’intumwa idasanzwe ya ONU muri Sudani, Ramtane Lamamra, akomoka muri Aljeriya.

Ibiganiro nk’ibi kuri Sudani, vyaheruka kuba mu mwaka uheze. Vyabereye muri Arabiya Sawudite. Vyari bifashwe mu mugongo na Amerika hamwe na Arabiya Sawudite. Ntaco vyatanze yamara.

Intambara y’impande zibiri za gisirikare muri Sudani yadutse mu kwezi kwa kane ko mu 2023. Imaze kwangaza abagera ku miriyoni 10. Impande zitandukanye zikagabisha zivuga ko ikigoyi yateye, n’inryane zishingiye ku moko, ata gikozwe bizobandanya kwiyomngera (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG