Uko wahagera

Indege Yarimwo Visi Prezida wa Malawi Yaburiwe Irengero


Visi Prezida wa Malawi, Saulos Klaus Chilima.
Visi Prezida wa Malawi, Saulos Klaus Chilima.

Prezida wa Malawi, Lazarus Chakwera, yategetse ko ibikorwa vyo kurondera irengero ry’indege yarimwo icegera ciwe, Saulos Klaus Chilima, bibandanya.

Indege ya gisirikare yarimwo Saulos Klaus Chilima n’abandi bantu icenda yazimiye mu gatondo k'uno wa mbere ku masaha yo muri Malawi.

Yahagurutse ku kibuga c’indege c’umurwa mukuru, Lilongwe, saa tatu n’iminota cumi n’indwi. Vyari bitegekanijwe ko ishika ku kibuga c’indege c’igisagara kiza ubwa gatatu muri Malawi citwa, Mzuzu, saa yine n’iminota ibiri.

Mw'ijambo prezida wa Malawi Prezida wa Malawi Lazarus Chakwera yashikirije biciye kuri tereviziyo y'igihugu yagize ati: “ Indege imaze gushika ku kibuga c’indege ca Mzuzu, vyaranse ko ishika hasi kubera umudereva atabona neza aho yururukira bitewe n’ikirere kitari ciza. Abajejwe ivy’indege baciye bahanura umudereva gusubira I Lilongwe. Ntivyatevye, uguhanana amakuru hagati y’abakurikirana urugendo rw’indege n’abari bayitwaye kwaciye guhagarara”

Prezida wa Malawi Lazarus Chakwera, yavuze ko yituye ibihugu bibanyi hamwe n’ivya kure birimwo Amerika, Ubwongereza, Noruveje na Isirayeri kugira bifashe mu kurondera ahari iyo ndege.

Visi prezida wa Malawi Saulos Klaus Chilima, w’imyaka 51 abonwa nk’umwe mu bashobora kuzohiganira amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe muri Malawi mu mwaka uza.

Mu 2022, yatawe mu yompi yagirizwa kunyereza amatungo ya reta, ariko mu nyuma aza kurekurwa agizwe umwere. (AFP)

XS
SM
MD
LG