Ibinyamakuru vya Reta ya Irani vyatangaje ko ikiziga c’umukuru w’igihugu n’ic’umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’amakungu vyatowe inyuma y’isanganya rya kajugujugu barimwo ryabaye ejo ku musi wa mungu.
Ivyo inyamakuru bivuga kandi ko ibisigarira vya Prezida Ebrahim Raisi n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’amakungu Hossein Amirabdollahian bari kumwe n’abandi bategetsi ba vyatowe kuri uyu musi wa mbere, mu kibanza iyo kajugujugu yagiriyemwo isanganya.
Abajejwe gutabara bavuga ko iryo sanganya ryatewe n’ikirere citari cimeze neza mu karere ka Varzaquan mu ntara ya Azeribayijani y’ubuseruko ya Irani. Abo bategetsi bari batahutse bavuye mu rubanza rwo kwugurura icese urugomero ruri hafi y’umupaka n’igihugu ca Azeribayijani
Umuyobozi kizigenza w’igihugu ca Irani, Ali Khamenei, yatanganje ibihe vy’ikigandaro bizomara ikiringo c’imisi itanu, yongera agena icegera c’umukuru w’igihugu Mohammad Mokhber mu mabganya yo kurongora igihugu ivy’agateganyo. Amatora ya prezida mushasha azokorwa mu misi 50.
Prezida Raisi yari azwi ko agendera ku mico n’imigenzo kama. Abatari bake bavuga ko yari acuditse cane na Kizigenza w’igihugu, Ali Khamenei, kandi ari we yari yabonwa nk’uwuzomusubiira.
Forum