Uko wahagera

Kenya na Tanzaniya Bihanganye n'Igihuhusi Hidaya


Kenya na Tanzaniya bibangamiwe n’imvura nyinshi ivanze n’umuyaga w’igihuhusi. Iyo mvura n’imiyaga biriko biterwa ahanini n’igihuhusi Hidaya kigenda cegera inkengera z’uburere bwegeranye n’ibiyaga n’amabahari y’ivyo bihugu.

Igisata kijejwe ivy’ibirere muri Kenya cavuze ko zimwe mu ngaruka z’igihuhusi Hidaya, zirimwo imiyaga iri ku muvuduko wa kirometero 75 kw’isaha, n’imyuzure ipima metero 2.

Ku ruhande rwa Tanzaniya, abajejwe ivy’ibirere nabo nyene bavuze ko imiyaga n’imvura ari sindamusiga. Mu masaha 12 gusa, Uburere burimwo nk’akitwa Mtwara, bwarimwo imyuzure yatewe n’imvura ipima mirimetero 75,5.

Mu gihe abahinga bemeza ko igihuhusi Hidaya kija camaze gushika ku butaka bwa Tanzaniya, ico gihugu casavye abanyagihugu baba ahashobora kubangamirwa n’abakorera mu gisata c’amabahiri n’ibiyaga kwiyubara.

Vyitezwe ko gihuhusi Hidaya gifise inkomoko mw’ibahari yitiriwe Ubuhindi, gishobora kugera ku muvuguko w’ibirometero 165 kw’isaha.

Ni ubwa mbere Kenya igiye guhangana n’igihuhusi Hidaya. Prezida w’ico gihugu, William Ruto, ku wa gatanu yatangaje ko igihugu kitorohewe, aca agirako ategeka ko amashure abandanya yugawe.

Akarere ko muri Afurika y’ubuseruko muri iki gihe karahanganye n’ingaruka z’ihindagurika ry’ibihe. ONU ivuga ko kuva mu kwezi kwa gatatu, muri rusangi abahitanywe n’imyuzure mu Burundi, mu Rwanda, muri Kenya, Tanzaniya na Somaliya bagera ku 400

Ishami rya ONU rijejwe impunzi, HCR, ryatangaje kandi ko rihangayikishijwe n’abaharurwa mu bihumbi cumi bo muri ivyo bihugu bavuye mu vyabo kubera imyuzure. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG