Uko wahagera

USA: Polisi Yashwiragije Abanyeshure Biyamiriza Ingwano ya Hamas na Isirayeri


Abanyeshule bo muri kaminuza zitandukanye muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika barabandanya guhagarikwa. Muri kaminuza yitwa UCLA, mu gisagara ca Los Angeles, abapolisi bagondoje abanyeshule bari baracumbitse mu mahema bubatse mu ntumbero yo kwiyamiriza ingwano hagati ya Isirayeri na Hamas.

Abapolisi bakoresheje inguvu mu gushwiragiza no mu gukura mu mahema abanyeshule bari bagararije ko batazoyavamwo. Abo banyeshule bashigikiye Abanyapalestina bageramiwe n’ingwano iri hagati ya Isirayeri na Hamas.

Mu masaha yo mu bucagucagu kuwa kane, abapolisi bari bambaye inkingirizo, bashwiragije abanyeshule bari bacumbitse mu mahema, kandi bari bagize urunani rutavanako. Urwo ruhagarara rwabaye ku musi wa kane kuri iyo kaminuza, ruriko ruraba kandi no mu yandi makaminuza menshi muri Amerika.

Igipolisi co mu gisagara ca Los Angeles catangaje ko abantu 210 bahagaritswe kuri iyo kaminuza, mu gihe mu zindi kaminuza zitandukanye abantu baharurwa mu majana bahagaritswe kuva mw’ijoro ryo kuwa gatatu n’ejo ku musi wa kane.

Muri iyi misi iheze, abanyeshule bo muri kaminuza zitandukanye muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika baratunganije imyiyerekano yo kwiyamiriza ingwano ya Isirayeri muri Gaza. Bariko baratera akamo reta ya Prezida Biden, yafashe ingingo yo gushigikira Isirayeri, basaba ko Amerika yokora ibishobotse vyose kugira ngo amaraso areke guseseka muri Gaza.

Ejo ku musi wa kane, Biden yahavuye arava mu gacerere, avuga ko Abanyamerika bafise uburenganzira bwo kugira imyiyerekano, ariko batarekuriwe gutera akajagari.

Forum

XS
SM
MD
LG