Uko wahagera

Ikigo Maison Shalom Cemeza ko Intara ya Cankuzo Yigaruriye Amatongo n'Amazu Yaco


Umupfasoni Marguerite Barankitse yatanguje ikigo Maison Shalom.
Umupfasoni Marguerite Barankitse yatanguje ikigo Maison Shalom.

Ikigo Maison Shalom gikorera mu gisata co gufasha impfuvyi n'impunzi, cemeza ko Uburongozi bw'intara ya Cankuzo yo mu Burundi, bwigaruriye amatongo n'amazu yaco ari muri iyo ntara.

Maison Shalom ivuga ko yari yatije ayo matongo n'amazu ishirahamwe Rema Kibondo, rifasha abana b'impfuvyi bo mu ntara ya Cankuzo iri mu buseruko bw'Uburundi.

Mu kiganiro Umupfasoni Marguerite Barankitse yatanguje ikigo Maison Shalom yagiranye n'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Diane Nininahazwe, yasiguye imvo n'imvano y'iki kibazo.

Barankitse: Ntihanyazwe Maison Shalom, Hanyazwe Uburundi n'Impfuvyi
please wait

No media source currently available

0:00 0:06:21 0:00

Ijwi ry'Amerika ryahamagaye buramatari w'intara ya Cankuzo, Boniface Banyiyezako, rimubaza ico avuga kuri iki kibazo.

Mu kiganiro gito Banyiyezako yakoranye n'Ijwi ry'Amerika kuri terefone, yavuze ko hari umurwi uriko utohoza ku matongo yose yegukira reta y'Uburundi atari mu minwe yayo.

Ijwi ry'Amerika ryabajije Banyiyezako niba amatongo n'amazu ya Maison Shalom navyo biri mu biriko bikorwako amatohoza. Yaciye asubiza ko iki kibazo yocishura ari uko Ijwi ry'Amerika rimuhaye indangamatongo y'amazu n'amatongo Maison Shalom ivuga ko intara ya Cankuzo yigaruriye.

Naho ikiyago buramatari w'intara ya Cankuzo yakoranye n'Ijwi ry'Amerika rimusaba ikiganiro kitaheze kuko terefone yiwe yaciye iva ku murongo, mu butumwa bugufi bwanditse mu gifaransa yarungikiye igisata c'Ikirundi n'Ikinyarwanda, Banyiyezako yemeye ko Ijwi ry'Amerika ryosubira kumurondera mu ndwi iza, akagira ico avuga amaze gutororokanya amakuru yose.

Forum

XS
SM
MD
LG