Uko wahagera

Zimbabwe n’Afurika y’Epfo Byasinyanye Amasezerano yo Kuronsa Abanyagihugu Amazi


Abagore bavuye kuvoma amazi y'uruzi rwa Limpopo Zimbabwe isangiye n'Afurika y'Epfo.
Abagore bavuye kuvoma amazi y'uruzi rwa Limpopo Zimbabwe isangiye n'Afurika y'Epfo.

Afrika y'epfo na Zimbabwe vyateye igikumu ku masezerano akomeye yerekeye gusangira uburyo bwo kworohereza abanyagihugu bo muri ivyo bihugu vyompi, kuronka amazi.

Ivyo bihugu vyompi bisangiye uruzi Limpopo. Yamara Afrika y’epfo, muri iki gihe irafise ikibazo gikomeye c’amazi.

Abahinga bavuga ko biterwa n’uko Reta y’ico gihugu itashoboye kubungabunga no kunagura uburyo n’ivyuma bitanga amazi. Igisagara ca Musina, kiri muri Afrika y’epfo ku rubibe na Zimbabwe, ni co karorero kagaragara ibibazo vy’amazi birangwa muri iki gihe muri Afrika y’epfo.

Mu kiringo c’imyaka itari mike irangiye, abategetsi b’ico gisagara ntibashoboye guha abanyagihugu baco amazi ahagije.

Ivyo vyabaye naho hari uruzi Limpopo, rumwe mu nzuzi zikomeye cane muri Afrika y’epfo na Zimbabwe.

Umuyobozi mukuru w’ibiro bwijejwe amazi smuri Afrika y’epfo, Sean Phillips, yatangaje ko ibiro vyiwe vyaremeye abategetsi bo mu gisagara ca Musina kugira batange amazi neza kurushiriza ku banyagihugu baho mu kubungabunga no gusanura uburyo n’ivyuma bitanga amazi hamwe n’uburyo bwo kuyabika.

Sean Phillips agira ati: Mu gihe igisagara ca Musina muri Afrika y’epfo, gifise ikibazo c’amazi kubera uburyo n’ivyuma biyatanga bidakora neza hamwe n’ikibazo c’umuyagankuba ucika kenshi, igisagara ca Beit Bridge muri Zimbabwe, kitari kure yaho, co nta kibazo c’amazi gifise na gato.

Mu bitandukanye no muri Afrika y’epfo, uburyo n’ivyuma bitanga amazi mu gisagara ca Beit Bridge birakora neza.

Vyatumye ku musi wa kane w’iyi ndwi, abategetsi bo muri Afrika y’epfo na Zimbabwe batera igikumu ku masezerano yo gusangira amazi, uburyo hamwe n’ivyuma biyatanga.

Mu bateye igikumu kuri ayo masezeranso harimwo, umushikiranganji ajejwe amazi muri Zimbabwe, Anxiuos Masuka

Afrika y’epfo izoriha Zimbabwe ku mazi ico gihugu kizoba kiyihaye, naho amareta y’ivyo bihugu vyompi atarashira ahabona uko ayo amafranga azotangwa azoba angana.

Forum

XS
SM
MD
LG