Uko wahagera

CPI Yasohoreye Imitahe Indongozi 2 mu Gisirikare c'Uburusiya


Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, yasohoye umutahe wo guhagarika indongozi zibiri zo mu gisirikare c’Uburusiya.

Sergei Kobylash na Viktor Sokolov bagirizwa uruhara runini ku bitero vya misile Uburusiya bwagavye ku vyuma vy’umuyagankuba muri Ukraine hagati y’ukwezi kw’icumi ko mu 2022, n’ukwa gatatu ko mu 2023.

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskiy, yakiriye neza ingingo ya CPI yo gusohorera umutahe abo bategetsi. Abicishije ku rubuga rwiwe rwa X, yanditse ko “ Indongozi zose za gisirikare ziri inyuma y’ibitero Uburusiya bumaze kugaba ku nyubakwa no ku basivile, zibwirizwa kumenya ko ubutungane buzirindiriye, kandi zibwirizwa kubiriha.”

Bugize ubwa kabiri CPI isohoreye umutahe indongozi z’Uburusiya zagirizwa uruhara mu ntambara ya Ukraine.

Mu mwaka uheze, iyo sentare mpuzamakungu ifise icicaro I Lahe mu Buholande, yasohoreye umutahe prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, na Maria Lvova-Belova, ajejwe igisata c’abana mu Burusiya.

Putin na Maria barahakana ivyagiriji vy’uruhara rwabo mw’inyuruzwa ry’abana ba Ukraine. (Reuters)

Forum

XS
SM
MD
LG