Burkina Faso yuguruye amatohoza ku bwicanyi bwahitanye abagera ku 170 mu ndwi iheze, bukomeretsa “benshi” batatangajwe igitigiri.
Umushikirizamanza kizigenza wa Republika muri Burkina Faso, avuga ko abagizi ba nabi bagavye ibitero mu bigwati bitatu; Komsilga, Nodin na Soro, biri mu ntara ya Yatenga iri mu buraruko bwa Burkina Faso.
Itangazo ry’umushikirizamanza mukuru wa Burkina Faso, ntiritomora abagavye ivyo bitero, canke abakekwa kubigaba. Eka, ntirinatomora igituma amakuru y’ico gitero cabaye igenekerezo rya 25 z’ukwezi kwa kabiri, agiye kuja ahabona inyuma y’indwi iheze kibaye.
Iryo tangazo rivuga ko ubutungane bwa Burkina Faso bwituye abanyagihugu burondera amakuru yose ajanye n’ibi bitero.
Abarokotse, babwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ko abagore n’abana barenga 20 bari mu baguye muri ivyo bitero.
Abajejwe umutekano nabo, bemeza ko ibitigiri vy’abarenga 170 bitarimwo ivy’abaguye mu kindi gitero cagabwe uwo munsi nyene, ku musigiti w’aba Isilamu uri mu buseruko bwa Burkina Faso, n’ikindi cagabwe kw’isengero ry’abakristu riri mu buraruko bw’ico gihugu.
Naho ubutegetsi bwa Burkina Faso butaravuga igitigiri c’abaguye mu bitero vyo ku musigiti no kw’isengero, umwe mu bajejwe amasengero yemeje ko icagabwe kw’isengero ry’abakristu cahitanye n’imiburiburi abasivile15.
Amashirahamwe yigenga yemeza ko mu kwezi kwa mbere, abagera ku 439 baguye mu bitero bishusha nk’ivyo biherutse kuba muri Burkina Faso.
Burkina Faso imaze igihe ivugwamwo umutekano muke. Igice c’ico gihugu kigenzurwa ahanini n’abarwanyi.
Forum