Uko wahagera

Imbibe za Alijeriya na Moritaniya Zuguruwe


Algeria and Mauritania open border
Algeria and Mauritania open border

Abakuru b’ibihugu vya Alijeriya na Moritaniya uyu musi kuwa kane bafashe ingingo yo kwugurura imbibe bisangiye mu ntumbero yo wo gutsimbataza imigenderanire no gukomeza ubudandaji hagati yavyo.

Abo bayobozi batangaje ko ata matagisi azotangishwa ku bidandazwa ku mpande zose. Bongeye bapfundika umugambi wo gusanura ibarabara rikomeye rifise uburebure bw’ibirometero 847 rizoshuza ibihugu vyabo.

Iyo ngingo itangajwe haheze imisi mikeyi Alijeriya gihurikiye mw’ishirahamwe ryimbura ibitoro, OPEC, gitangaje ko kizokoresha umutahe w’imiliyoni 442 z’amadolari y’Amerika mu kunagura amasoko ntanganguvu mu gihugu ca Mali, Nijeri na Libya.
Alijeriya caratangaje kandi ko kizotera igikumu ku masezerano y’ubudandaji butarimwo amatagisi n’ibindi bihugu bine, birimwo Mali, Nijeri, Tuniziya na Libiya muri uyu mwaka w’2024.

Forum

XS
SM
MD
LG