Dani Alves, umwe mu bakinyi b'umupira w'amaguru bakomeye cane mu gihe ciwe akomoka muri Brezil, yagiwe n'icaha co kuba yafashe umupfasoni ku nguvu mu kibanza abantu batambiramwo mu gisagara ca Barcelone. Yaciriye, kuri uyu wa kane, igihano co gupfungwa imyaka ine n'amezi atandatu.
Dani Alves muri iki gihe arafise imyaka 40 y’amavuko. Yigeze kuba umukinyi w’inyuma rurangiranwa ku ruhande rw’i bubamfu mw’ikipe y’igihugu ya Brezile ndetse n’ikipe ya Barcelona muri Esipanye.
Yahamijwe icaha hisunzwe itegeko rishasha rikingira abapfasoni n’abigeme, ku bijanye no gufatwa ku nguvu. Iryo tegeko rishimikira ku kwumvikana hagati y’abagira imibonano mpuzabitsina.
Mu gihe bitabaye gica kiba icaha gifatiye ku gitsina. Abacamanza 3 muri sentare y’intara ya Barcelona begetse kuri Dani Alves, icaha co kuba yafashe umupfasoni ku nguvu kw’itaki 31 y’ukwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka w’i 2022.
Sentare yategetse ko Alves aha umupfasoni yafashe ku nguvu indishi y’amayero 150.000 ni ukuvuga amadolari 162.000. Iyo sentare yamuziririje kandi kwegera umuhana w’uwo mupfasoni yafashe ku nguvu canke ikibanza akoreramwo, hamwe no kuvugana nawe mu buryo ubwo ari bwo bwose mu kiringo c’imyaka icenda. (AFRICANEWS)
Forum