Ibice birenga 70 % vy’abamenyeshamakuru bishwe mu 2023, ni abanyapalestina baguye mu ntambara ya Hamas na Isirayeri. Biri mu cegeranyo gishasha casohowe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryishinze gukingira abamenyeshamakuru, Committee to Protect Journalists, CPJ.
Ishirahamwe CPJ, rivuga ko abamenyeshamakuru ryamenye ko bishwe kw’isi mu 2023 ari 99. Muri abo, harimwo 77 baguye mu ntambara ya Hamas na Isirayeri. Aba 77 bagizwe n’abanyapalestina 72 “bahitanywe n’ibitero Isirayeri yagavye muri Gaza”, batatu bo muri Libani, na babiri bo muri Isirayeri”
Umuyobozi wa CPJ, Jodie Ginsberg, yabwiye Ijwi ry’Amerika ati: “ Ntivyari bwigere bibaho. Tuzeye inze ku bamenyeshamakuru b’Abanyapalestina kugira tumenye amakuru y’ibibera muri Gaza. Aba bamenyeshamakuru, uretse ko batangaza amakuru ku ntambara ya Hamas na Isirayeri, bayibamwo umunsi ku yundi.”
Umwaka wa 2023 ni wo uza imbere mu myaka yaranzwe n’imfu z’abamenyeshanakuru baguye ku rubuga barondera amakuru kuva mu 2015. CPJ ibandanya ivuga ko ukudahana biri mu bituma abamenyeshamakuru bagwa ku rubuga biyongera. Amatohohoza ya CPJ, yerekana ko kuva mu 1992, abamenyeshamakuru 1000 bapfuye bazira umwuga wabo.
Muri abo, ibice birenga 80 vy’abakoze ubwo bwicanyi ntivyigeze bihanwa. Akarorero ka hagufi CPJ itanga, ni ak’umumenyeshamakuru wo muri Kameruni, Martinez Zogo, yishwe mu 2023. CPJ yemeza ko abamugandaguye bidegemvya, ata nkomanzi.
Ishirahamwe CPJ rivuga ko Isirayeri nayo iri mu bihugu bidahana abica abamenyeshamakuru. Iryo shirahamwe ryemeza ko mu myaka 20 iheze, ingabo za Isirayeri zishe n’imiburiburi abamenyeshamakuru 20, kandi mu bakoze ubwo bwicanyi ata n’umwe arahanwa.
Ijwi ry’Amerika ryarungikiye ubutumwa umushikiranganji ajejwe imigederanire ya Isirayeri, kugira agire ico avuga kuri ibi vyagiriji. Yamara ntiyigeze yishura ubutumwa bwa bagenzi bacu bo mu Congereza.
Ku rundi ruhande, CPJ ishima ko muri rusangi, abamenyeshamakuru bishwe mu bindi bihugu bagabanutse uno mwaka. Mu 2023, abamenyeshamakuru 22 ni bo bishwe mu bihugu 18, mu gihe mu 2022, bari 69. Naho biri uko, CPJ ivuga ko ubwigenge bwo kumenyeshanakuru kw’isi bukiri hasi cane.
Kuva umwaka wa 2024 utanguye, abamenyeshamakuru b’abanyepalestina bamaze kurwa mu ntambara ya Hamas na Isirayeri ni 11 nkuko CPJ ibandanya kubivuga.
Forum