Uko wahagera

Kenya: Umunonotsi wa Mbere kw'Isi mu Gusiganwa ku Birometero 42 Yahitanywe n'Isanganya ry'Imodoka


Umuhisi Kelvin Kiptum.
Umuhisi Kelvin Kiptum.

Kelvin Kiptum, Umunyakenya yari umunonotsi wa mbere kw'isi mu gusiganwa ku birometero 42, bizwi nka “Marathon” hamwe n'umumenyereza wiwe, Gervais Hakizimana, barapfuye, mw'ijoro ryo ku musi w'Imana, mw'isanganya ry'imodoka.

Umukuru w’igipolisi mu karere ka Elgeyo Marakwet, Peter Mulinge yatagaje ko iryo sanganya ryabereye hanze y'igisagara ca Eldoret, mu gihugu ca Kenya.

Kelvin Kiptum, yari afise imyaka 24, yariko agendesha imodoka yo mu bwoko bwa Toyota Premio. Uwo mukuru wa polisi yatangaje ko bapfiriye buno nyene ahabereye iryo sanganya.

Uwundi muntu agira gatatu yari muri iyo modoka yarakomeretse bikomeye. Peter Mulinge yavuze ko Kiptum yananiwe gutumbereza imodoka yiwe mw’ibarabara, ica irita, igwa mu kinogo c’imetero 60, iseka igiti kinini, mu nyuma yaho. Mulinge yamenyesheje ko iryo sanganya ryabaye hafi y’isaha zitanu zo mw’ijoro.

Mu kwezi kw’icumi mu mwaka urangiye w’i 2023, Kelvin Kiptum yirutse iryo higanwa mu gisagara ca Chicago, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, mu masaha abiri n’imisegunda 35.

Yarengeje imisegunda 50 ku muhigo yari asanzwe afite. Bityo, yarushije mugenzi we w’Umunyakenya, Eliud Kipchoge, we wirutse marathon mu masaha 2, umunota umwe n’umusegunda 9. Kipchoge abonwa ko ari we yabaye kirangiranwa mu makungu kurusha abandi banonotsi mu kwiruka “Marathon.”

Kelvin Kiptum, yabonwa n’abantu benshi ko ari we azosubirira Kipchoge. Yabonwa kandi ko ari umunonotsi ashobora kwiruka “Marathon” mu gihe kiri musi y’amasaha abiri.

Urupfu rwa Kelvin Kiptum ni uruhombo rukomeye cane ku gihugu ciwe ca Kenya no ku makungu hamwe n’abakwirikiranira hafi amahiganwa ajanye n’ivyerekeye ubunonotsi. (CNN)

Forum

XS
SM
MD
LG