Uko wahagera

USA: Igitero kw'Ikambi y'Abasirikare ba Amerika muri Yorodaniya Cateje Impari muri Kongre


Ahaherereye ikambi yatewe ku musi wa gatandatu
Ahaherereye ikambi yatewe ku musi wa gatandatu

Igitero c'akadege ko mu bwoko bwa drone, cakozwe ku musi wa gatandatu w'indwi irangiye, mu gihugu ca Jordaniya, cahitanye abasirikare b'Abanyamerika 3, catumye haba impari muri Kongre ya Amerika ku ngingo zikwiriye, zofatwa ku bijanye n'ico gitero.

Izo mpari zibaye inyuma y’uko ubushikiranganji bujejwe ikigega bwa Amerika butangaje ibihano ku bagize uruhara mu gitero co ku musi wa gatandatu urangiye. Ico gitero cakozwe n’imirwi y’abarwanyi ishigikiwe n’igihugu ca Irani ikorera muri Iraki na Siriya. Cakozwe mu kibanza ca gisirikare ca Amerika kiri hafi y’urubibe na Siriya.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Irani bwarahakanye ko hari uruhara Irani ifise ku bijanye n’ico gitero. Mu ntumbero yo kurungikira ubutumwa abakoze ico gitero, abagize Kongre ya Amerika barahariye ku buryo bukwiriye bwo kucishura.

Umushingamateka w’umudemokrate, Raja Krishnamoorthi, yabwiye Servisi y’Igiperse y’Ijwi rya Amerika ko ibihano ari yo ntambwe ya mbere. Yamara yavuze ko ubundi buryo bwotegerezwa kwihwezwa inyuma y’aho.

Raja Krishnamoorthi agira ati: Nibaza abakoze igitero co ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye bazi neza ko tuzobarungikira ubutumwa bukomeye. Ikintu gikomeye kurusha ibindi ni uko Reta ya Prezida Biden ifise ubushobozi, kandi ko izobukoresha. Yamara tuzofata ingingo yerekeye igihe tuzokoresha ubwo bushobozi n’aho tuzobukoresha.

Abandi muri Konge ya Amerika baremera ivyatangajwe n’umushingamateka Raja Krishnamoorthi. Umushingamateka w’umurepublikani, mike Gallagher yamara arafise amazinda ku kamaro k’ibihano vyonyene.

Mike Gallagher agira ati: Ibihano vyonyene ubwavyvo ntaco bizohagarika. Ingingo za gisirikare ni zo zonyene zizojijura umwansi. Ibihano bishobora gufasha muri ico gikorwa. Kiretse dutunganije imigami irashe iginewe kugabanya inguvuv n’igihagararo ca Irani mu karere, mu gukora ibitero mu bibanza biri muri ico gihugu inyuma y’uko imirwi gishigikiye yishe Abanyamerika, simbona ko ibihano vyinyene bizogira ingaruka ziboneka.

Mu gihe bamwe mu bagize Kongre ya Amerika basaba ko hafatwa ibihano aho kuba inyishu ya gisirikare, abandi bashimikira ku vyo babona ko prezida Joe Biden atariko afata ingingo z’ukwitanga umwansi. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG