Uko wahagera

Abasirikare Ba Nijeri Baguye Mu Mirwano N'Intagondwa Za Boko Haram


Abasirikare ba Nijeri
Abasirikare ba Nijeri

Ingwano mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Nijeri yahitanye abasirikare ba reta 10 n'abarwanyi b'abayislamu batari bake. Reta ya Nijeri ni yo yatangaje iyo nkuru, kuri uyu wa gatatu.

Ni igitero cakozwe n'abarwanyi b’umurwi Boko Haram, ku kibuga c’indege co mu gisagara ca N’Guigmi, kiri mu ntara ya Diffa hafi y’urubibe n’igihugu ca Nijeriya.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Nijeri bwatangaje iyo nkuru kuri uyu wa gatatu. Ukwo gutana mu mitwe kwatanguye hafi y’isaha indwi zo mw’ijoro ryo ku musi wa kabiri. Kwamaze iminuta 20 imbere y’uko abakoze igitero batuzwa, bagahungira ku nkengera z’ikiyaga Chad.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Nijeri bwatangaje ko abo bwise abagira iterabwoba batari bake bishwe hakoreshejwe indege z’ingwano.

Ikiyaga Chad kiri ku rubibe hagati y’ibihugug vya Nijeriya, Nijeri, Kameruni na Chad. Harakunda kubera ibitero vy’abarwanyi b’abayislamu b’umurwi Boko Haram, hamwe n’umurwi Islamic State West Africa Province.

Mu kwezi kwa gatandatu kw’umwaka urangiye w’i 2023, abasirikare 7 ba Nijeri barishwe inyuma y’uko imodoka barimwo isetse bombe yo mu bwoko bwa mine mu ntara ya Diffa. Iyo ntara irimwo abantu ibihumbi n’ibihumbi bataye izabo.

Irimwo kandi impunzi zo muri Nijeriya zibayeho ku mfashanyo y’amashirahamwe y’abagiraneza.

Forum

XS
SM
MD
LG