Uko wahagera

Uganda mu Nzira yo Guhingura Ibitoro Ifatikanje na Sosiyete y'i Dubai


Ino foto ni ngereranyo. Yerekana hamwe mu hari ihinguriro ry'ibitoro muri Nijeriya
Ino foto ni ngereranyo. Yerekana hamwe mu hari ihinguriro ry'ibitoro muri Nijeriya

Uganda iri mu mishikirano n’uruganda rw’abikorera utwabo muri Emira ziyunze z’Abarabu, ku vyerekeye amasezerano yo gushinga ihinguriro ry’ibitoro, rizoba rifise agacirio ka miriyari 4 z’amadorali y’Amerika.

Umushikiranganji ajejwe ivy’amasoko ntanganguvu muri Uganda yatangaje ano makuru avuga ko uwuhagarariye urwo ruganda rufise icicaro I Dubai ari umwe mu bakomoka mu muryango w’I bwami muri Emira Ziyunze z’Abarabu.

Uganda yizera ko ku musi ku munsi, izoza irahingura ingunguru ibihumbi 60 z’ibitoro.

Ruth Nankabirwa, atwara ubushikiranganji bw’amasoko ntanganvuvu, yavuze ko Uganda yaronse abantu benshi bipfuza gukorana nayo muri ico gisata, inyuma yo kurimbura yitonze ubusabe bwa bamwe n’abandi, ihitamwo gukorana na sosiyete, Alpha MBM, y’I Dubai.

Amasezerano y’ibanze hagati y’impande zibiri yasinywe igenekerezo rya 22 ukwezi kwa cumi na kabiri nkuko Nankabirwa abandanya kubivuga. Uganda yiteze kuzotangura guhingura ibitoro biciye muri ayo masezerano mu 2025.

Muri uwu mugambi, Uganda izokwifashisha ikiyaya ca Albertine gihana urubibe na Republika ya Demokarasi Kongo mu burengero bwa Uganda.

Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu bwatangaje ko bwanahaye uburenganzira bwo gukorera ku butaka bwayo sosieyete CNOOC ihingura ibitoro.

Iyo sosiyete yo mu Bushinwa izokorera mu karere kiswe Kingfisher, kari mu burere burimwo ibikorwamwo ibitoro vyinshi. Uganda ntiyatangaje ibitigiri vy’ibitoro bizohingurwa n’iyo sosiyete.

Forum

XS
SM
MD
LG