Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Antony Blinken, kuri uyu wa kabiri, yatangaje ko igihugu ciwe kizobandanya gukorana n'ibihugu vyo ku mugabane wa Afrika.
Avuga ko ivyo bihugu bifise uruhara rukomeye mu gutorera inyishu ibibazo bikomeye biraje ishinga amakungu.
Mw’ijambo yashikirije abamenyeshamakuru, ari kumwe na Prezida wa Kotedivuwari, Alassane Ouattara, inyuma y’ibiganiro vyabereye ku murwa mukuru, Abidjan, Blinken yatangaje ko ivyo biganiro vyarimwo ivyerekeye imigenderanire mu vy’ubudandaji itera ikomera kurushiriza.
Yavuze ko iyo migenderanire izotuma haboneka ubuzi hamwe n’iterambere mu bihugu vyompi.
Blinken yatangaje kandi ko ibiganiro vyabo vyashimikiye ku vyerekeye gushira inguvu kurushiriza mu bijanye n’igisata c’ubuvuzi hamwe no gutorera inyishu ibibazo vyerekeye umutekano birangwa mu karere ko muri Afrika yo mu burengero.
Umushikiranganji Blinken yatangaje ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Kotedivuwari bifitaniye imigenderanire myiza kandi itera ikomera kurushiriza.
Avuga ko Amerika n’amakungu birarajwe ishinga n’ikibazo cerekeye umutekano mu karere ka Sahel.
Ni inyuma ya kudeta zabaye mu bihugu vya Mali, Burkina Faso, Gineya na Nijeri kuva mu mwaka w’i 2020.
Kotedivuwari ihana urubibe n’ibihugu bitatu biherutse kubamwo kudeta mu myaka ya vuba.
Kuri uyu wa kabiri, Blinken araja muri Nijeriya aho bitegekanijwe ko agirana ibiganiro na Prezida Bola Tinubu n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire, Yufus Maitama Tuggar ku murwa mukuru, Abuja.
Forum