Uko wahagera

Prezida w’Uburundi Yemeye Gufasha Urwaruka rwa Kongo Gutembagaza Ubutegetsi bw’u Rwanda


Ba Prezida Ndayishimiye na Kagame
Ba Prezida Ndayishimiye na Kagame

Ari i Kinshasa ku murwa mukuru wa Kongo, Perezida Evariste Ndayishimiye yatangaje ko u Rwanda ari we mwansi wa Kongo n’Uburundi kandi ko bikunze yofasha kugira Perezida w’u Rwanda atembagazwe ku butegetsi.

Aya majambo Prezida Ndayishimiye yayavugiye mu nama yagiranye n’urwaruka kuri uyu wa mungu nk’imboneza y’Ubumwe bwa Afrika mu gisata c’urwaruka, amahoro n’umutekano.

Muri uwo mubonano, Umukuru w’igihugu c’Uburundi ntiyariye umunwa mu gusubira kwagiriza u Rwanda ko ari rwo mwansi w’akarere kose ka Afrika y’ibiyaga binini.

Prezida Evariste Ndayishimiye yavuze ko ari muri iyo ntumbero aheruka gufata ingingo yo kwugara imipaka igihugu ciwe gihana n’u Rwanda. Kuri we, n’icotembagaza ubutegetsi bw’uwo yita umwansi yogishigikira.

Mu majambo yavuze mu rurimi rw'igifaransa yagize ati:" Twarugaye imipaka kuko twarabonye ko batubeshe kuko ntibahengeshanije kugaburira no guha indaro abaturwanya, ibiro bikuru vy’umuhari Red-Tabara biri mu Rwanda. N’ivyo ubwo butegetsi butwemerera ni ukwiyorobeka gusa kuko ntibigeze babaduha. Aho tugeze, tubwirizwa kubandanya urugamba gushika aho n’abanyarwanda batangura kwikurako ubwo butegetsi kuko nibazako n’urwaruka rw’abanyarwanda rudashobora kwemera kuba nk’infungwa mu karere.

Yicaye i ruhande y’ibendera ry’umuryango w’Ubumwe bwa Afrika nk’intumwa yawo mu gisata c’urwaruka, Perezida Ndayishimiye yabwiye urwaruka rw’abakongomani i Kinshasa ko yiteguye kubafasha kurwanya "uwo mwansi." Yagize ati: " Iyo dufise umubanyi mubi, akora ivyashoboye vyose ngo atudurumbanye, dukorere hamwe natwe kugira turwanye uwo mwansi. Ariko ica mbere mwebwe abakongomani muje hamwe mufatane mu nda hanyuma abandi tuzoza kubafashiriza aho mugejeje. Mubishatse, twotegura ihuriro muri urwo rwego rikabera i Bujumbura, rigahuza urwaruka rwo mu karere. Iyo nyifato y’uwo mwansi wacu ari we u Rwanda, nibazako abanyarwanda atari wo mutima bafise kuko igihe imipaka yari yuguruye babaye aba mbere mu kwisukira iwacu ku kiyaga Tanganyika."

Amajambo ya prezida w'Uburundi yakiriwe nabi mu Rwanda. N’aho reta ataco irayavugako, uwuserukira u Rwanda mu gihugu c’Ubuhohande, Ambasaderi Olivier Nduhungirehe, yayiyamirije.

Ku rubuga rwa X rwahoze rwitwa Twitter yagize ati : “ Ntivyumvikana ingene umukuru w’igihugu ca Afrika, atangaza kw’izina ry’Ubumwe bwa Afrika, ko azofasha abanyagihugu gutembagaza ubutegetsi bwavuye mu matora yemewe. Ibi bisigura ko yahemukiye bagenzi we bamwizeye muri ico kibanza, kandi yaciye kubiri n’amahame y’uwo muryango”.

Haheze indwi zibiri Prezida Ndayishimiye yugaye imipaka ihuza ico gihugu n’u Rwanda. Inyuma y’iyo ngingo, abamenyeshamakuru babajije icegere c’umuvugizi wa reta y'u Rwanda ko u Rwanda rubitse abarwanya ubutegetsi bw'Uburundi nkuko ruvyagirizwa. Ni ivyagiriji u Rwanda ruhakana.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Pierre Claver Niyonkuru.

Prezida w’Uburundi Yemeye Gufasha Urwaruka rwa Kongo Kurwanya Ubutegetsi bw’u Rwanda
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:22 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG