Uko wahagera

Burundi: Bamwe mu Bakozi ba Reta Bahembwa Badakora


Prezida Evariste Ndayishimiye
Prezida Evariste Ndayishimiye

Mu Burundi, kuva mu mpera z’ukwa gatanu gushika mu ntango z’ukwa gatandatu harabaye rusasuma rw’abakozi bo mu bushikiranganji bw’indero.

Urwo rusasuma rwarerekanye Ko hari abakozi bagera ku 1503 boba bahembwa badakora.

Mu mezi atatu akurikira hagiye kuba guhinyuza ko koko abo bakozi batakiri ku mirimo yabo kugira basubirizwe n’abazoba bari ku kivi.

Mu bushikiranganji bw’indero mu Burundi haravugwa abakozi bagera ku 1503 boba bahembwa kandi badakora.Bagiye rero guhagarikirwa imishahara kugira abakiri ku kivi bishikane mu biro vy’umushikiranganji wa mbere hanyuma batunganirizwe.

Kuri uyu wa 16 z’ukwa mbere I Gitega harabaye inama yo kwemeza ivyavuye muri rusasuma rw’anakozi bo mu bushikiranganji bw’indero bari kukivi.

Ku bagera ku 86552 bahembwa, basanze hari abagera ku 1503 batasanzwe ku kazi kandi bishoboka ko batakiri ku mirimo yabo ariko bakabandanya bahembwa.

Abandi bagera ku 695 rusasuma yabaye batari ku kazi. Kuri abo bose hagiye kuba guhinyuzako koko bahembwa badakora, abazokwagirwa nico caha bakazohanwa.

Urwo rusasuma rwabaye kuva ku wa 25 z’ukwagatanu gushika ku wa 02 z’ukwa 6 mu mwaka uheze wa 2023.

Rwakorewe ku mashure yose, ubuyobozi n’ubugenduzi bw’indero n’amashure yo mu Burundi hamwe no mu bisata vyose vyegukira ubushikiranganji bw’indero.

Urwo rusansuma rwatanguriye mu bakozi bo mu bushikiranganji bw’indero kuko ari bwo bufise abakozi benshi mu Burundi bakaba bangana n’ 86552 ku 75000 vy’abakozi bose bahembwa na Leta y’Uburundi.

Ikindi cabitumye, n’inkuru zaciye ku ngurukanabymenyi ko abakozi bo mu bushikiranganji bw’indero bagera ku 46000 boba bahembwa badakora.

Mu kwezi kw’indwi guheze naho abakozi bababa 4000 barahagarikiwe imishahara.

Benshi muri bo, wasanga ari abahemberwa kuri konte imwe. Ico gihe abahagarikiwe imishahara barashitse mu bushikiranganji baratanga ivyo basabwe basanga bamwe ni ababikira, aba furera canke abubakanye bahemberwa Kuri konte imwe.

Benshi muri abo bakozi barasubiye barahembwa ariko hakavugwa ko hari n’abandi bataratunganirizwa.

Ubushikiranganji bw’abakozi ba Leta, ubw’indero n’ibiro vy’umushikiranganji wa mbere bakoresheje abakozi bagera 5953 muri urwo rusasuma. Bategereza rero guhinyuza ko koko abakozi 86552 banditswe mu bushikiranganji bw’indero bari ku kivi.

Mu gukora rusasuma, ababijejwe bafadikanya n’abajejwe indero n’inyigisho mu ntara, mu makomine no ku mashure bafadikanije n’abo mu kigo gikoresha ubuhinga bwa none.

Umukozi wo mu bushikiranganji bw’indero yategerezwa kwerekana karangamuntu n’ikarata yo kwivurizako, akishura ibibazo, akarekena ikete ryamushaye akazi, akavuga numero yiwe ndangamukozi wa Leta akongera agafatwa ifoto.

Ivyo vyose vyaraheza bikarungikwa mu kigo gikoresha ubuhinga bwa none kugira bibikwe ku buhinga bwa none.

Urwo rusasuma rero rwaragunduye ko hari abakozi bagera ku 1503 batasanzwe ku kazi n’abandi bagera ku 695 batari ku mirimo yabo ku musi wa rusasuma ku mvo z’indwara, ingendo canke batari hafi y’ahobakorera.

None abo 1503 boba koko ari abahembwa badakora?Abari bitavye ibikorwa vyo gushira ku mugaragaroivyavuye mu matohoza ntibemeza ko bose ari avakozi bahembwa badakora. Hari abagiriza ubushikiranganji bw’abakozi ba Leta ko ari ari bwo busamara umukozi akaguma ahembwa yanditswe mu bushikiranganji bw’indero kandi yahawe ayandi mabanga.

Hari n’abarengeje imyaka yo kuja mu karuhuko k’iza bukuru ariko babandanya bahembwa.

Abandi ni abagihembwa bashobora kuba bapfuye canke barirukanywe ku kazi.

Haravugwa kandi abakozi boba bagumye bahembwa ariko barahunze kuva mu 2015, amahera yabo akaguma arungikwa ku makonte yabo kandi atawuyatora.

Umugwi wagize rusansuma waragize kandi amakenga ku bakozi b’ubushikiranganji bw’indero bari ku kazi ariko batararonka inomero y’akazi.

Fyonda hasi wumve ibindi muri ino nkuru Ijwi ry'Amerika yateguye iciye ku bakunzi bayo mu Burundi

Burundi: Bamwe mu Bakozi ba Reta Bahembwa Badakora
please wait

No media source currently available

0:00 0:13:03 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG