Umuryango w'ubumwe bw'Ubulaya, kuri uyu wa kabiri, washize umwe mu bategetsi bakomeye w'umurwi Hamas, Yahya Sinwar, ku rutonde rw'abagira iterabwoba bafatiwe ibihano, bifatiye ku bitero Hamas yakoze kuri Israyeri kw'italiki 7 y'ukwezi kw'icumi kw'umwaka uheze.
Iyo ngingo umuryango w’ubumwe bwa Buraya wafashe isigura ko amatungo Yahya Sinwar afise ku butaka bw’uwo muryango ugizwe n’ibihugu 27 azofatwa.
Uyu yagirizwa ko yateguye ibitero umurwi wa Hamas wakoze ku butaka bwa Isirayeri. Iyo ngingo iraziririza kandi abanyagihugu bo muri uwo muryango gukorana na we mu bijanye n’imirimo y’ubudandaji.
Umurwi Hamas usanzwe uri ku rutonde rw’imirwi y’iterabwoba rwatunganijwe n’umuryango w’ubumwebw’Ubulaya, Ubwongereza n’Amerika.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Isirayeri, Israel Katz, yakiye neza ingingo y’umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya.
Yavuze ko iyo ngingo yafashwe inyuma y’utwigoro twa Israyeri two gukora ibishobotse vyose kugira ngo umurwi Hamas ntubandanya kuronka amafranga, hamwe no guhagarika imfashanyo zose uyo murwi uronka. Yavuze ko bazobandanya gutuza uwo murwi mu ntara ya Gaza, n’ahandi hose ubarizwa.
Yahya Sinwar, afise imyaka 61, ntaraboneka kuva kw’itariki 7 y’ukwezi kw’icumi kw’umwaka urangiye wa 2023.
Inyuma y’ibitero vy’umurwi Hamas kubutaka bwa Isirayeri, igisirikare ca Isirayeri catangaje ko imisi ya Sinwar iharuye.
Reta Zunze ubumwe za Amerika zatangaje ko zashize Sinwar ku rutonde rw’abagira iterabwoba mu makungu mu mwaka w’i 2015. Ibihugu bigize umuryango w’Ubumwe bw’Ubulaya ntivyari vyashoboye kwumvikana ku kugene vyokwishura kubitero vy’umurwi Hamas no ku bitero vyakwirikiyevya Isirayeri mu ntara ya Gaza.(AFP)
Forum