Igihugu ca Senegali catsinze mu buryo bworoshe igihugu ca Gambiya mu rukino rwa mbere mu murwi C mu gikombe c'umupira w'amaguru c'ibihugu vyo muri Afrika kiriko kibera muri Kotedivuwari
Senegali yatsinze Gambiya ibitsindo 3 ku busa mu rukino rwabaye ejo ku musi wa mbere mu murwi C. Ibitsindo 2 vya Senegal vyinjijwe n’umukinyi akiri muto, Lamine Camara, afise myaka 20, ku munuta wa 52 na 86, mu gihe ikindi gitsindo cinjijwe n’umukinyi, Pape Gueye, ku munuta wa kane w’urukino. Urwo rukino rwabereye ku kibuga c’umupira w’amaguru co ku murwa mukuru wa politike wa Kotedivuwari, Yamoussoukro. Umukinyi wa Gambiya, Ebrima Adams, yarahawe ikarata itukura imbere y’uko igice ca mbere c’urukino kirangira. Hari inyuma y’uko akiniye nabi umukinyi wa Senegali, Lamine Camara. Iyo ngingo yarorohereje intsinzi ya Senegali. Muri iri tsinda kandi rya C, Kameruni yanganije na Gineya igitsindo kimwe kuri kimwe.
Naho mw'itsinda rya D, Alijeriya yanganije n'umurwi w'igihugu ca Angola kimwe kuri kimwe.
Nk’uko igihugu ca Kotedivuwari cabigenjeje, mu rukino rwo kwugurura igikombe c’ibihugu vyo muri Afrika mu gutsinda Gineya Bisawu, ibitsindo 2 ku busa, ku musi wa gantadatu w’indwi irangiye, Senegali yarasimvye imitego ibihugu bisanzwe bizwi ko bikomeye mu mupira w’amaguru vyaguyemwo kuva mu ntango z’iki gikombe c’ibihugu vyo muri Afrika. Muri ivyo bihugu, Nijeriya ntiyashoboye gustinda Gineya Ekwatoriyari, mu murwi A. Ivyo bihugu vyompi vyarangije urukino biganya igitsindo ku kindi mu rukino rwabaye ku musi w’Imana turangije. Misiri yo yaranganije na Mozambike ibitsindo 2 kuri 2 mu murwi B. Mu murwi B, Ghana yaratsinzwe mu minuta ya nyuma na Cap-Vert ibitsindo 2 kuri kimwe.
Ku musi wa kabiri, Tuniziya irakina na Namibiya, mu gihe Mali iza gukina n'umurwi w'igihugu ca Afrika y'epfo.
Forum