Uko wahagera

ONU Yatanguye Ibikorwa vyo Kuvana Abasirikare Bayo muri Kongo


Abanyagihugu mu myiyerekano yiyamiriza ingabo za ONU muri Kongo
Abanyagihugu mu myiyerekano yiyamiriza ingabo za ONU muri Kongo

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryatanguye kuvana abasirikare baryo bari bamaze imyaka irenga 25 mu bikorwa vyo kugarukana amahoro muri Republika ya Demokarasi ya Kongo.

Umushikiranganji ajejwe imigeneranire ya Kongo n’ayandi makungu, Christophe Lutundula, yatangaje ano makuru avuga ko Kongo yizera ko uno mwaka wa 2024 uzohera ingabo zose za MONUSCO zarakinjuye.

Mu kwezi kwa cumi na kabiri k’umwaka uheze, akanama ka ONU kajejwe umutekano ni ho kafashe ingingo y’ukuvana ingabo za ONU muri kongo.

Republika ya Demokarasi ya Kongo yari imaze amezi menshi isaba ishimitse ko ibikorwa vyo gutahukana abasirikare ba ONU vyihutishwa, isigura ko ataco bayimariye. ONU ivuga ko naho yafashje iyo ngingo, umutekano ukiri muke na cane cane mu buseruko bwa Kongo.

Ingabo za ONU ziri muri Kongo kuva mu 1999. Abasirikare ba ONU bari ku butaka bwa Kongo ni ibihumbi 13 n’amajana atanu, abapolisi nabo ni ibihumbi bibiri. Aba bose bari mu ntara za Kivu ya Ruguru n’iy’epfo ndetse no muri Ituri.

Forum

XS
SM
MD
LG