Uko wahagera

Indege Yari Itwaye Abakinyi ba Gambiya muri CAN 2024 Yururutse Gihutihuti Kubera Kubura Impwemu


Indege yari itwaye abakinyi b'umurwi nserukiragihugu wa Gambiya yururutse gihutihuti inyuma y'uko ibuze impemu za oxygene igihe yari itwaye abakinyi bagiye mw’ihiganirwa ry’ igikombe c'umupira w'amaguru c'ibihugu vya Afrika muri Cote d'Ivoire.

Iyo ndege yari yakodeshejwe yahindukiye igana ku murwa mukuru wa Gambiya, Banjul, ku musi wa gatatu, inyuma y’uko igize urugendo rw’iminuta icenda.

Abadereva bayo babonye ko iyo ndege ifise ibibazo, nk’uko ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ryo muri Gambiya ryabitangaje, mw’itangazo ryashize ku rubuga Facebook.

Bamwe mu bakinyi ba Ekipe ya Gambiya
Bamwe mu bakinyi ba Ekipe ya Gambiya

Iryo shirahamwe ryavuze ko igihe iyo ndege yururuka, ivya mbere vyatohojwe vyerekanye ko icumba c’abadereva b’iyo ndege cabuze impwemu za oxygene.

Ishirahamwe iyo ndege yegukira, Air Cote d’Ivoire muri iki gihe ririko riratohoza kugira rimenye icatumye impemu za oxygene zibura mu cumba c’abadereva bayo.

Umumenyereza mukuru w’umurwi nserukiragihugu wa Gambiya, aturuka mu Bubiligi, Tom Saintfiet, yari muri iyo ndege, yabwiye televiziyo y’Ububiligi, VRT, ko abakinyi b’umurwi nserukiragihugu wa Gambiya, barusimvye.

Yavuze ko bagize ibibazo vyo guhema kubera ivyuka bibi vya karbone. Yatangaje ko bamwe mu bakinyi biwe batashoboye kurabuka buno nyene inyuma y’uko indege barimwo itegerejwe kwururuka vyihutirwa.

Ku rubuga, Instagram, umukinyi wa ekipe nserukiragihugu ya Gambiya, Saidy Janko yatangaje ko kubura impemu za oxygene vyatumye we na bagenzi biwe bameneka umutwe kandi bagira ibizunguzungu bikomeye.

Vyari bitegekanijwe ko abakinyi b’umurwi nserukiragihugu wa Gambiya bafata iyindi ndege ibajana muri Cote d’Ivoire ku muhingamo wo kuri uyu wa kane. (AFRICANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG