Uko wahagera

Uburundi Bwugaye Imbibe Buhana n'u Rwanda


Prezida w'U Rwanda kumwe na Prezida w'Uburundi
Prezida w'U Rwanda kumwe na Prezida w'Uburundi

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, Martin Niteretse, yatangaje ko izo mbibe zugawe ari mu nama yagiranye n’abajejwe intwaro, guhera kuri buramatari gushika ku barongoye izone mu ntara ya Kayanza iri mu buraruko bw'Uburundi.

Muri iyo nama, umushikiranganji Niteretse yasiguye ko Uburundi bwasanze bufise ico bwise "umubanyi mubi", agirako avuga ko Uburundi bwahagaritse imigenderanire bwari bufitaniye n'u Rwanda, kuko budashobora bugenderanirana n’igihugu "kibitse abansi b’Uburundi ata kindi barota atari ukubuhekura.

Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu Burundi bwatangaje iyo ngingo ni nabwo bubarizwamwo umutekano w'ico gihugu.

Uburundi bwugaye imbibe buhana n'u Rwanda inyuma yaho prezida w'Uburundi, Evariste Ndayishimiye, asubiye kwagiriza u Rwanda ko ruhaye indaro kandi rufasha abaroberi ba Red Tabara barwanya ubutegetsi bw'Uburundi.

Prezida Ndayishimiye ivyo vyagiriji yabivugiye mu kiganiro co gusoza umwaka wa 2023 yakoranye n'abamenyeshamakuru hamwe n'abanyagihugu mu ntara ya Cankuzo. Hari inyuma y'igitero Uburundi bwegetse kuri Red Tabara. Ico gitero cagabwe mu Gatumba Ku rubibe rw'Uburundi na Kongo cahitanye abantu 20.

Inyuma y'ivyagirije vya Prezida Ndayishimiye, u Rwanda rwasohoye itangazo ritera ivyatsi ivyavuzwe n'Uburundi. Iryo tangazo Ijwi ry'Amerika tugifitiye kopi ryavuga ko ata na hamwe ruhuriye na Red Tabara.

Muri iryo tangazo riri mu congereza, U Rwanda rwibukije ko ruhora runaha Uburundi abarwanyi b'abarundi baba binjiye mu Rwanda binyuranye n'amategeko, biciye mu rwego ruhuriweko n’abasirikare b’ibihugu bigize Inama Mpuzamakungu y’Akarere k’Ibiyaga Binini, ICGLR.

Si ubwa mbere Uburundi bwugaye imipaka ruhana n'u Rwanda. Mu 2015, rwayugaye rwagiriza u Rwanda kuba rwaragize uruhara mu mvururu zatewe n'ingo y'Umuhisi Petero Nkurunziza yo gusubira kwitoreza iyindi manda. Ico gihe, Uburundi naho nyene bwaremeza ko u Rwanda ruhaye indaro ababurwanya. Ni ivyagiriji u Rwanda rwahakanye akatari gake.

Imipaka yugawe mu 2015 yasubiye kugururwa mu mpera z'ukwezi kwa cumi ko mu 2022, gutyo icuka kigenda gisubira kuba ciza ku buryo abategetsi b'Uburundi n'u Rwanda bagenderaniye inyuma y'igihe kinini bari bamaze barabana ay'ingwe.

XS
SM
MD
LG