Uko wahagera

Inteko z'Amerika n'Ubwongereza Zarakoroye Drone na Misile 21 z’abarwanyi b’Abahouthi


Inteko za Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zigwanira mu mazi hamwe n'iz'Ubwongereza zarakoroye drone na misile 21 zari zarashwe n’abagwanyi b’Abahouthi bafise icicaro muri Yemene.

Ivyo bitero vyari vyakozwe ku musi wa kabiri, mu bumanuko bw'ikiyaga gitukura bakorera muri Yemeni. Iyo nkuru yatangajwe, kuri uyu wa gatatu, na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ubwongereza bwatangaje ko izindi ngingo zigenewe gukingira amayira yo mu mazi akoreshwa mu ruja n’uruza rw’ibidandazwa mu makungu, zigiye gufatwa.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’Ubwongereza, Grant Shapps, yatangaje ko ibitero vy’aba Houthis vyo ku musi wa kabiri, ari vyo vyari bikomeye cane gushika ubu, bikoxwe mu kiyaga gitukura.

Ivyo bitero bibaye mu gihe ingwano imaze amezi atatu hagati ya Israyeri n’umurwi Hamas mu ntara ya Gaza imaze gutandukira ibindi bice vyo mu buseruko bwo hagati bw’isi.

Umushikairanganji ajejwe kwivuna abansi w’Ubwongereza, Grant Shapps, yabwiye abamenyeshamakuru, ko uko ibintu vyifashe muri iki gihe mu kiyaga gitukura ari ibintu bidashobora kwihangirwa. Yatangaje ko Ubwongereza n’ibindi bihugu vyo mu makungu bikorana bizofata izindi ngingo zikenewe kugira bikingire amayira yo mu kiyaga gitukura akoreshwa n’ubwato mu bucuruzi mpuzamakungu.

Ibiro bikuru bifatirwamwo ingingo za gisirikare vya Ameerika vyatangaje ko ata bakomeretse canke ivyononekaye mu bitero vy’aba Houthis vyo ku musi wa kabiri.

Ivyo biro vyavuze ko ibitero vyo ku musi wa kabiri vyagira ivya 26 ku mayira akoreshwa n’ubwato butwara ibidandazwa mu kiyaga gitukura kuva kw’italiki 19 y’ukwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka urangiye w’i 2023. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG