Umukuru w’igihugu ca Nigeriya yatangaje ko yafashe ingingo yo kugabanya abantu bamuherekeza mu ngendo ziwe mu mahanga, mu ntumbero yo kuziganya umutungo w’igihugu.
Iyo ngingo ije mu gihe igihugu kiriko kiraca mu bihe bitoroshe kubera ihinyanyurwa ry’amategeko amwe amwe ajanye n’ubutunzi bwa Nijeriya.
Iyo ngingo ije kandi inyuma y’aho abantu bidogeye igitigiri kingana n’abantu igihumbi n’amajana ane baserukiye igihugu ca Nigeriya mu nama mpuzamakungu yerekeye ibidukikije COP28 i Dubai mu kwezi guheze.
Umwe mu bakozi mu biro vy’umukuru w’igihugu yagerageje gusigura ko urwo rugendo rutari urwo kuja mu birori kandi ko abitabiriye iyo nama bose batarihiwe na reta.
Umuvugizi w’umukuru w’igihugu yavuze ko kuva ubu igitigiri c’abantu bazohora baherekeza prezida Bola Ahmed Tinubu mu ngendo ziwe, kitazorenga abantu 20
Forum