Uko wahagera

Papa Fransisiko Asaba Kuvavanura n'Umuco wo Gutwarira Inda no Kuvyarira Abandi


Bamwe mu bapfasoni bo mu Buhindi bibungenze abana atari rwabo
Bamwe mu bapfasoni bo mu Buhindi bibungenze abana atari rwabo

Papa Fransisko yasavye ko umuco wo kuvyarira umuntu umwana abona ko “ugayitse cane”, ukwiye guhagarara.

Yabishikirije mw’ijambo ridasanzwe ahora ashikiriza uko mwaka utashe, aho ahora avuga ibijanye n’ibihanze amahoro n’agateka ka muntu kw’isi. Kuri uno musi wa mbere Papa Fransisco yasavye ko uwo umuco uhagarara kuko ari ingendo y’urudandazwa rwo kwibungenga.

Muri iryo jambo yarishikirije abaserukira ibihugu bitandukanye muri ico gisagara gitagatifu, Papa Fransisko yongeye aridoga, avuga ko umwaka wa 2024 waje mu gihe “amahoro abangamiwe, kandi mu bice bimwe, akaba yarahungabanye bikomeye.”

Papa yibukije intambara yo muri Ukraine n’iyiri hagati ya Israyeli na Hamas, ikibazo c’abimukira, ihindagurika ry’ikirere hamwe n’ico yise ihingurwa ry’ibiigwaisho vy’ubumanra Nukleyere n’ibindi bigwanisho avuga ko “biteye isoni.” Yongeye aributsa ingwara zihanze ikiremwa muntu hamwe n’inyifato yo kutubairiza amaategeko mpuzamakungu akingira ikiremwa muntu.

Papa Fransisko yabandanije adondagura urundi rutonde rw’ibibazo bito bito na vyo avuga ko bibangamiye amahoro, agateka ka muntu, harimwo uyo muco wo kuvyarira umwana uwundi muntu. Yavuzed ubuzima bw’umwana ataravuka butegerezwa gukingirwa kugira kandi ntibucike ikikoresho mu rudandazwa rwa kiremwa muntu”.

Forum

XS
SM
MD
LG