Uko wahagera

Ukraine Yagirije Ikindi Gitero ca Drone Uburusiya


Igisirikare ca Ukraine, kuri uyu wa kane, catangaje ko inteko z'Uburusiya zakoze ibitero ku butaka bwa Ukraine, zikoresheje drone 8, mw'ijoro ryashiriye kuri uyu wa kane. Izo drone zari zije zituruka ku butaka bw'Uburusiya hafi y'ihabari rya Azov.

Igisirikare kirwanira mu kirere ca Ukraine, mu butumwa ku rubuga, Telegram, catangaje ko uburyo bwaco bwo kwivuna umwansi bwakoroye 7 muri izo drone 8 mu kirere kiri hejuru y’intara za Dnipropetrovsk, Kirovohrad na Zaporizhzhia.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’Uburusiya, kuri uyu wa kane, bwatangaje ko inteko zabwo zatesheje igitero ca drone 2 za Ukraine zari zerekeje intara ya Crimeya.

Abategetsi ba Ukraine, kuri uyu wa kane, batangaje ko ubwato butwara imizigo bufise ibendera y’igihugu ca Panama bwasetse bombe yo mu bwoko bwa mine y’Uburusiya mw’ibahari yirabura.

Bavuze ko ubwo bwato bwariko butera buja ku kivuko ku ruzi Danube gutora ingano n’izindi ntete. Ico gitero catumye umuriro waduka kuri ubwo bwato, abantu 2 bakaba bakomeretse. Muri ico gihe, Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yashimiye Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku mfashanyo nshasha y’imiliyoni 250 y’amadolari yahaye igihugu ciwe.

Yatangaje, kuri uyu wa kane, ko iyo mfashanyo ya gisirikare izofasha igihugu ciwe kwifashisha ivyo gikeneye mu buryo bwihuta cane. Prezida Zelensky yavuze ko mu ntumbero yo gukingira ubwigenge n’umutekano mu gihugu ciwe, ku mugabane w’Ubulaya no muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bategerezwa kubandanya kwishura n’inguvu zikomeye ku bitero vy’Uburusiya bibandanya. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG