Israyeli n’umugwi w’abagwanyi ba Hamas bageze ku musi wa kane w’amasezerano yo gushira ibirwanisho hasi; buri ruhande rukaba rwitezwe kurekura imbohe zifise.
Hamas ivuga ko yiteguriye kwongera ikiringo c’ayo masezerano. Ku musi w’Imana umushikiranganji mukuru wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu, nawe akavuga ko boshima iyo ngingo ya Hamas iziba irimwo n’irekurwa ry’imbohe cumi ku musi.
Amasezerano ya mbere hagati y’izo mpande yapfunditswe hari haciye indwi zitandatu intambara hagati yabo itanguye. Ayo masezerano yari agizwe n’ishirwa ry’ibirwanisho hasi, irekurwa ry’abantu 50 bari bagizwe imbohe na Hamas. Isirayeli naho ikaba yarekuye abanyororo 150 b’abanyepalestina.
Ku musi w’Imana, ONU yatangaje ko bose hamwe, abanyisirayeli 39, abanyepalestina 117 hamwe n’abanyamahanga 19 bamaze kurekurwa. Reta zunze ubumwe za Amerika, Misiri, na Katari bari mu bihugu bisaba ko hongerezwa iyindi misi yo gushira ibirwanisho hasi.
Ejo ku musi w’Imana prezida wa Amerika Joe Biden yabwiye abamenyeshamakuru agira ati: “Ni yo ntumbero yanje, ni yo ntumbero yacu, yuko haba ibandanywa ry’iri shirwa ry’ibigwanisho hasi kurenza ejo, kugira tubandanye kubona abandi banyagihugu barekuwe. Hongere hibonekeze ubufasha bushikira abanyagihugu mu ntara ya Gaza.
Forum