Uko wahagera

Hamas Yanse Kubandanya Ibikorwa vyo Guhanahana Imbohe z'Intambara na Isirayeri


Igice ca kabiri c’ibikorwa vyo guhanahana imfungwa z’intambara hagati ya Hamas na Isirayeri cari gitegekanijwe uno munsi ku wa gatandatu ku wa gatandatu nticabaye.

Umurwi wa Hamas uvuga ko ico gikorwa kizobandanya ari uko Isirayeri yemeye ko izindi mfashanyo zinjira mu buraruko bwa Gaza.

Uno munsi, vyari bitegekanijwe ko abarwanyi ba Hamas barekura abanyayisarayeri 14, Isirayeri nayo ikarekura abanyapalestina 42. Izo mpande zari zemeranije gutanga agahengwe no guhanahana imfungwa z’intambara biciye mu masezerano ahagarikiwe n’Amerika, Misiri na Katari.

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri Benjamin Netanyahu, abicishije ku rubuga rwiwe rwa X, yanditse avuga ko azohemuka ari uko atahanye abanyayisirayeri bose bari mu minwe ya Hamas agira ati: “ Twarashoboye gutahukana umurwi wa mbere ugizwe n’abana, ba nyina wabo, n’abandi bagore muri rusangi. Umuntu umwe wese twabohoje ni nk’isi yose twabohoje. Reka ndabisubiremwo banyayisareyeri, tubwirizwa kubohoza imbohe zose. Aha ni ho hari ipfundo ry’ingwano turimwo, kandi urugamba tuzorutsinda.”

Agahengwe k’intambara k’iminsi ine izo mpande zatanze katanguye ku wa gatanu w’ino ndwi. Muri iyo minsi ine y’agahengwe, vyari bitegekanijwe ko muri rusangi, Hamas isubiza Isirayeri abanyagihugu bayo 50, Isirayeri nayo ikarekura abanyapalestina bagera ku 150.

Ku wa gatanu, Hamas yarekuye abanyisirayeri 13, barimwo abana n’abagore bafise imyaka iri hagati y’ibiri na 85, abanyagihugu ba Tayilande 10, n’umwe akomoka muri Filipine, Isirayeri nayo irekura abanyapalestina 39, bagizwe n’abagore hamwe n’imiyabaga.

Agahengwe Isirayeri na Hamas vyatanze katumye ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’ayandi mashirahamwe y’abagira neza binjiza murui Gaza imfashanyo zari mu bikamyo 337 vyinjiriye ku mipaka itandukanye irimwo umupaka wa Rafah.

Hagati aho, polisi y’Ubwongereza yataye muri yompi umuntu umwe mu baharurwa mu bihumbi bakoze imyiyerakano yo gushigikira Hamas ku murwa mukuru, Londres. Uwatawe muri yompi yagirijwe ko yari afise intumbero yo kubiba urwanko, yitwaje icapa cariko ibiranga aba nazi.

Forum

XS
SM
MD
LG