Ukraine yazindukiye mu rusaku rw’amasasu n’ibitero vy’indege z’intambara zitagira umudereva, drone, Uburusiya bwagavye mu burere butandukanye bw’ico gihugu.
Abantu batanu ni bo Ukraine itangaza ko bakomerekeye muri ivyo bitero, vyasambuye inyubakwa zababa 200 zirimwo 77 zo kubamwo. Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu muri Ukraine buvuga ko ivyo bitero vyatumye umuyagankuba ucika mu bice vyinshi vy’igihugu.
Abategetsi ba Ukraine bavuga ko ibitero Uburusiya bwagavye ku butaka bwayo uno munsi ku wa gatandatu bikomeye gusumba ibindi vyose Uburusiya bwayigavyeko kuva intambara hagati y’ivyo bihugu itangura.
Ukraine ibandanya ivuga ko yakoreye indege z’intambara 74 muri 75 Uburusiya bwifashishije mu kuyigabako ibitero. Umuvugizi w’igisirikare ca Ukraine, yemeza ko 66 muri izo ndege zarasiwe mu kirere c’umurwa mukuru, Kiev, n’imicungararo yawo.
Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskiy, yavuze ko kubona Uburusiya bugaba ibitero nk’ivyo ku munsi igihugu ciwe cibukirako ibihe vy’inzara ikaze yagisesereje kuva mu 1932-1933, igahitana imiriyoni n’imiriyoni z’abanyagihugu, ari ubukozi bw’ikibi butagira izina. Yagize ati: “ Ni Ubunyamwaswa! Abategetsi b’Uburusiya barishimira kuba bashobora kwica inzirakarengane ata kinya”.
Mu minsi ya heze, Ukraine yagereranije ico kiringo c’inzara yahitanye imiriyoni ziri hagati ya zibiri na zitanu z’abanyagihugu bayo n’ico yita agasomborotso ikorwako n’Uburusiya. Ukraine n’ibihugu birenga 30 bifata ico kiringo c’inzara yo kuva mu 1932-1933 ciswe Holodomor nka jenoside Abasoviyete bakoreye abanyagihugu ba Ukraine.
Uburusiya bwo yamara buvuga ko abita ico kigoyi jenoside bibesha kuko ku bw’ico gihugu, hari n’abanyagihugu b’Uburusiya n’ubundi bwoko bahitanywe n’iyo nzara
Forum