Uko wahagera

Kyiv Igeramiwe n'Ibitero vy'Uburusiya


Perezida Volodymir Zelenskyy
Perezida Volodymir Zelenskyy

Umurwa mukuru wa Ukraine urageramiwe n’ibitero bikomeye biriko biragirwa n’Uburusiya mu gihe Prezida Volodymir Zelenskyy ariko aragerageza guhindura abategetsi mu gisirikare ciwe.

Mw’ijambo yashikirije ejo ku musi w’Imana aho yatangaza umusirikare mushasha ajejwe igisata c’ubuvuzi, prezida Zelenskyy yagize ati amabanga yiwe ajanye no “gutunganya gushasha ubuvuzi bw’abasirikare b’igihugu cacu”. Yongerako ati, “Uburambe n’ubuhinga bw’ibisata bimwe bimwe bikwiye gukoreshwa mu bisata vy’igisirikare cose”. Mw’ijambo ryiwe Prezida Zelenskyy yaranashimiye inguvu n’ukwihangana kw’abanyagihugu ba Ukraine.

Umushikiranganji wa Amerika ajejwe kwivuna abansi yagize urugendo rutari rwaratangajwe, kuri uno musi wa mbere. Yakiriwe ku kirindiriro ca gari ya moshi mu gisagara ca Kiev n’abasirikare ba Amerika n’abakozi

Abategetsi bamenyesha ko umushikiranganji Lloyd Austin ari muri urwo rugendo mu ntumbero yo kwibutsa abategetsi b’ico gihugu ko Reta zunze ubumwe z’Amerika ikibashigikiye mu rugamba barimwo rwo kurwanya Uburusiya.

Urwo rugendo rw’umushikiranganji Lloyd rubaye inyuma y’ibitero bikomeye Uburusiya bwagize n’utudege 20 twakorewe muri Irani tutagira abadereva. Utwo tudege twateye umugwa mukuru wa Ukraine hamwe n’uturere twa Cherkasy na Poltava, nk’uko bitangazwa n’igisirikare. (VOA News)

Forum

XS
SM
MD
LG