Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryarafashe ingingo yo kuduza amabembera yaryo gushika hagati gusa, mu bibanza vyose birimwo ibiro vyaryo mu bice bitandukanye vyo kw'isi. Hari mu gihe abakozi baryo bubahiriza umunuta w'agacerere mu ntumbero yo kwibuka begenzi babo bishwe mu ntara ya Gaza, mu ngwano hagati ya Israyeri n'umurwi Hamas.
Amabendera y’ibara ry’ubururu n’iryera y’ishirahamwe ONU yaramanuwe gushika hagati igihe c’isaha zitatu n’igice zo mu gitondo mu biro vyaryo i Bangok, ku murwa mukuru wa Tayilande, Tokyo mu Buyapani na Beijing mu Bushinwa.
Hari umusi umwe inyuma y’uko iryo shirahamwe ritangaje igitigiri kitari gito c’abakozi baryo bishwe n’abakomeretse mu bitero vy’indege z’ingwano n’amabombe Isirayeri yakoze mu kibanza caryo mu ntara ya Gaza.
I Geneve, mu Buswise, icicaco ca ONU kiza ubwa kabiri mu bunini inyuma y’ica New York, ibendera ryayo ryaramanuwe gushika hagati. Umuvugizi waryo, Rolando Gomez, yatangaje ko abakozi bayo basabwe kwubahiriza umunuta w’agacerere.
Ibikorwa vyo kwibuka abakozi ba ONU bishwe n’abakomeretse mu ntara ya Gaza vyarabaye kandi ku murwa mukuru wa Nepal, Kathmandu na Kabul, muri Afuganistani. Intumwa idasaznwe ya ONU muri Afuganistani, Roza Otunbayeva, ni we yayoboye abantu 250 mu gikorwa co kwubahiriza umunuta w’agacerere kuri abo bakozi bishwe n’abakomeretse.
Ishami ry’ishirahamwe ONU rishigikiye Abanyapalestina, ku musi wa gatanu w’indwi irangiye ryatangaje ko abakozi baryo barenga 100 bapfuye mu ntara ya Gaza kuva ingwano hagati ya Isirayeri n’umurwi Hamas, itanguye. (AFRICANEWS)
Forum