Uko wahagera

Isirayeri na Hamas Vyagirizanya Ibitero vyo ku Bitaro Binini muri Gaza


Abarwayi bo ku bitaro vya Shifa muri Gaza
Abarwayi bo ku bitaro vya Shifa muri Gaza

Igisirikare ca Isirayeri kivuga ko citeguriye guhungisha abana barwariye mu bitaro vyitwa Shifa. Ivyo bitaro ni vyo bitaro vya mbere mu bunini biri mu ntara ya Gaza. Rear Admiral Daniel Hagari, avugira igisirikare ca Isirayeri yagize ati: “ Tuzofasha mu bikenewe vyose.”

Isirayeri yemeye gutabara abana bagwariye mu bitaro vya Shifa inyuma y’ivyagiriji vy’uko ku wa gatandatu, abana babiri bapfuye bitewe n’ikena ry’ibitoro mu vyuma bitandukanye vyo kuvura. Abaharurwa muri mirongo ibiri ni indebe biturutse kuri ico kibazo.

Umuyobozi w’ibitaro vya Shifa, Mohammed Abu Selmia yasiguye ati: “ Ivyuma twifashisha mu kuvura ntibiriko birakora. Abarwayi bariko baracikana.” Mohammed Abu Selmia, avugana n’Ijwi ry’Amerika kuri terefone, vyumvikana ko aho ari hariko hasamirana ibisasu.

Selmia yagirije kandi abasirikare ba Isirayeri ko ku wa gatandatu bamijaguye amasasu ku bantu, bari imbere muri ivyo bitaro canke inyuma yavyo agira ati: “ Uwo basanga mu nzira wese bararasa.” Isirayeri ihakana ivyagiriji vyo kuba yaragavye ibitero kuri ivyo bitaro, isigura ko ugutana mu mitwe hagati y’ingabo zayo n’abarwanyi ba Hamas kwabereye hanze y’ibitaro.

Ku rundi ruhande, Isirayeri yagiriza Hamas kunyegeza ibirwanisho mu bitaro bitandukanye birimwo cane cane ibitaro binini vya Shifa, ico gihugu kivuga ko vyahinduwe ikirindiro rwihishwa c’abarwanyi ba Hamas. Uwo murwi utera ivyatsi ibi vyagiriji.

Hagati aho, Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri, Benjamin Netanyahu, yamirira kure iciyumviro c’uko intambara hagati ya Hamas na Isirayeri iheze, uburongozi bw’intara ya Gaza bwobarizwa muri Palestina. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Netanyahu yagize ati: “ Nta burongozi bw’abasivile bahimiriza abana babo kwanka Isirayeri, kwica abanya_Isirayeri, kuzimanganya Isirayeri buzopfa buhabaye.”

Abategetsi ba Amerika si uko yamara babibona; Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu, Antony Blinken, ku wa gatatu yavuze ko ubutegetsi bw’inyuma y’intambara muri Gaza bubwirizwa kubamwo Palestina. (VOA, AP, AFP, REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG