Uko wahagera

Abimukira Bariyongera mu Mazinga ya Canary yo muri Espanye


Bamwe mu bimukira bagerageza gushika ku mazinga ya Canary
Bamwe mu bimukira bagerageza gushika ku mazinga ya Canary

Abimukira baturuka muri Senegal bagenda biyongera mu mazinga ya Canary, yegukira Espanye. Ni mu gihe Abanyasenegale barenga ibihumbi 32 bamaze gushika muri ayo mazinga. Ico gitigiri kigizwe n’abimukiira bashitse muri ayo mazinga muri uno mwaka wonyene.

Ayo mazinga ari hafi y’umugabane wa Afrika, ni yo abo bimukira bahurumbira. Naho benshi muri bo baturuka muri Senegal, hari n’abandi baturuka muri Gambiya, Moritaniya, Maroke no mu burengerazuba bw’ubugaragwa bwa Sahara..

Ibitigiri vyashizwe ahabona n’ubushikiranganji bwa Espanye bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu n’izindi nzego zijeje gutabara mu buryo bwihuta, abantu bashika ku bihumbi 32,029 barashitse muri ayo mazinga hagati y’itariki imwe y’ukwezi kwa mbere n’itariki zitanu z’ukwezi ikwa cumi na rimwe.

Abanyesenegale bakora urudandazwa rwa kiremwa muntu barungika urwaruka rurondera ubuzima bwiza mu bihugu vya Buraya, Babarungika n’ubwoto mu bisanzwe bukoreshwa mu bikorw vyo kuroba..

Urwo rugendo rutoroshe rw’ibirirometero 1,600 ruva muri Senegsale rugashika mu gace ko mu mazinga ya Canary. Ni urugendo rumara rumara ikiringo c’indwi mu bihe bitoroshe bigizwe n’imiyaga ikomeye cane hamwe n’imikuba y’amazi.

Kubera ivyo bitigiri vy’abimukira biguma vyongerekana, umushikiranganji wa Espanye ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu yarafashe urugendo mu ndwi iheze yaragendye igihugu ca Senegal aho yasavye ashimitse abategetsi ku murwa mukuru Dakar gukora ibishoboka vyose kugira bahagarike ubwato butwara abo bimukira mu mazinga ya Canary.

Forum

XS
SM
MD
LG