Uko wahagera

Prezida Biden Aremerewe n'Abadashigikiye Uruhara rwa Amerika mu vya Isirayeri na Hamas


Preizda Biden
Preizda Biden

Prezida wa Amerika Joe Biden araremerewe n’Abanyamerika bazogira uruhara mu matora yimirije, bafise amamuko atandukanye yo mu bihugu vy’Abarabu, Abaislamu, n’Abayahudi.

Abo banyamerika ntibavuga rumwe ku ngingo ya Biden yo gushikira cane Israeli, muri iki gihe Abanyapalestine bagwa mu bitero vya Israeli babandanya kwiyongera .

Bamwe mu Banyamerika bahurikiye mu mugambwe w’Abademokrate, bariko baragumukana Prezida Joe Biden, biyamiriza ingingo yafashe yo gushigikira Israyeri mu buryo budasanzwe.Ivyo biri uko mu gihe ibitero vya Israyeli vyo mu kirere bibandanya muri Gaza, harimwo n’ikibaye vuba ku nkambi y’impunzi i al-Shati.

Rimwe mu mashirahamwe y’abaharanira uburenganzira bw’abo mw’idini rya Islamu bari mu mugambwe w’Abademokrate basavye bashimitse ko Biden asaba ko haba amasezerano yo guhagarika intambara bitarenze ejo ku musi wa kabiri isa kumi n’imwe z’umuhingamo. Bitabaye uko, iryo shirahamwe ry’Abaislamu b’Abademokrate bavuze ko abayislamu amamiliyoni n’amamiliyoni bazoca bareka gushigikira umugambi wiwe wo kwitoza.

Abayisilamu barenga umuriyoni baratoye mu matora yo mu 2020, muri Amerika, ico gitigiri gishobora guhindura ibintu mu mareta akomeye mubiharuro vy’amatora. Abanyamerika bo mw’idini rya Islamu n’abafise amamuko mu bihugu vy’Abarabu bamenyereye kuba batora umugambwe w’Abademokrate, yamara ibintu bishobora kuba bigiye guhinduka.

Kimwe mu vyegeranyo vy’ishirahamwe ry’Abanyamerika bafise amamuko mu bihugu vy’Abarabu cerekana ko abahoze bashigikiye Prezida Biden bangana n’ibice 59% mu matora yo mu 2020, ubu abamushigikiye bakaba bagera ku bice 17% mu matora ategekanijwe mu 2024.

Yamara naho biri ukwo, ku rundi ruhande bamwe mu bayahudi b’Abanyamerika barashima bikomeye uburyo Joe Biden ashigikiye Isirayeri.

Forum

XS
SM
MD
LG