Igisirikare ca Israyeri catangaje ko benshi mu bagizwe imbohe mu ntara y Gaza bakiri bazima.
Igisirikare ca Isirayeri, kuri uyu wa gatanu, catangaje ko benshi mu bantu 200, banyurujwe n’umurwi Hamas bavanywe muri Isirayeri bakajanwa mu ntara ya Gaza, bakiri bazima. Ico gisirikare cavuze ko uretse abanyurujwe, abarwanyi ba Hamas batwaye n’ibiziga vy’abo bishe mu ntara ya Gaza.
Igisirikare ca Isirayeri catangaje kandi ko abarenga 20 mu banyurujwe ari abana, mu gihe abari hagati ya 10 na 20 barenza imyaka 60. Hari kandi abantu bari hagati y’100 na 200, irengero ryabo ritazwi kuva umurwi Hamas ukoze ibitero muri Isirayeri kw’itariki 7 y’uku kwezi kw’icumi.
Isirayeri yatangaje ko ivyo bitero vyahitanye abantu barenga 1.400, benshi muri bo akaba ari abasivile bishwe barashwe, baciwe ibihimba vy’umubiri canke baturiwe, ku musi wa mbere w’ivyo bitero.
Isirayeri yasubirije mu nkoko umurwi Hamas mu bitero vy’amabombe vy’indege z’ingwano vyahitanye abantu batari musi y’i 3.785 mu ntara ya Gaza. Abategetsi
b’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu buyobowe na Hamas baratangaje ko benshi mu bapfuye ari abasivile.
Forum