Uko wahagera

Isirayeri Yahagaritse Uburyo bwo Gutanga Amazi, Imfungurwa n'Amatara muri Gaza


Zimwe mu nyubakwa zazesnyutse muri Gaza
Zimwe mu nyubakwa zazesnyutse muri Gaza

Isirayeri, kuri uyu wa gatatu, yakoze ibitero vy'amabombe mu mabarabara no ku nyubakwa mu ntara ya Gaza. Ni mu gihe ibandanya ibitero vyo gusubiriza mu nkoko ivyakozwe n'abarwanyi b'umurwi Hamas vyahitanye abantu batari musi y'i 1,200 muri Israyeri.

Abategetsi bajejwe amagara y’abantu b’Abanyapalestina, kuri uyu wa gatatu, batangaje ko igitigiri c’abamaze gupfa mu ntara ya Gaza gishika ku 1.055, mu gihe abandi barenga 5,000 bakomeretse kuva Isirayeri ikoze ibitero vya mbere.

Amashirahamwe ajejwe gutabara yashikirije impungenge afise ku kugene abasivile muri Gaza bamerewe. Ni mu gihe Isirayeri yahagaritse uburyo bwo gutanga amazi, ibifungurwa n’umuyagankuba mu ntara ya Gaza.

Sositeye ijejwe umuyagankuba muri Gaza, kuri uyu wa gatatu, yatangaje ko yiteze ko ibitoro ikibanza conyene gitanga umuyagankuba muri Gaza gikoresha birangira mu mpera z’uyu musi.

Ishirahamwe rijejwe gutabara, “Medecins Sans Frontieres” ryavuze ko ibitoro n’imiti biriko birarangira mu ntara ya Gaza.

Mu butumwa kuri videwo, mu gitondo co kuri uyu wa gatatu, umuvugizi w’igisirikare ca Isirayeri, Liyetena Koloneli Jonathan Conricus, yashigikiye ibitero vy’indege z’ingwano za Isirayeri vyasambuye inyubakwa abanyagihugu babamwo.

Yatangaje ko abarwanyi b’umurwi Hamas bakorera n’impaka mu nyubakwa z’igisivile. Ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, ryatangaje ko abantu barenga 263.000 bamaze guhunga ingo zabo mu ntara ya Gaza kuva ingwano itanguye. Vyitezwe ko ico gitigiri ciyongera. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG