Uko wahagera

Ishirahamwe CEEAC Ryakuye Gabon mu Muryango


Jenerali Brice Oligui Nguema arahirira kurongora Gabon ivy'imfatakibanza, kw'itariki ya 04/09/2023
Jenerali Brice Oligui Nguema arahirira kurongora Gabon ivy'imfatakibanza, kw'itariki ya 04/09/2023

Ishirahamwe ryo gufashanya mu vy'ubutunzi ry'ibihugu vyo muri Afrika yo hagati, CEEAC, ryatangaje ko ryakuye Gabon mu bihugu birigize. Iyo ngingo ibaye mu gihe umusirikare mukuru yayoboye abakoze kudeta muri Gabon, Jenerali Brice Oligui Nguema, ku musi wa mbere, arahiye mu mabanga yo kuba prezida w'agateganyo.

Prezida wa Gineya Ekwatoriyari, Obiang Nguema Mbasogo, ni we yayoboye inama yari igenewe guhagarika Gabon mu bihugu bigize iryo shirahamwe. Yerekanye impungenge ku ngaruka kudeta yo muri Gabon ishobora kugira ku mahoro n’umutekano mu karere ko muri Afrika yo hagati.

Iyirukanwa rya Gabon mw’ishirahamwe CEEAC, ni ikintu gihambaye cane, kuko vyerekana ibibazo bibandanya vy’ubuyobozi n’umutekano muri ako karere.

Obiang Nguema Mbasogo, afise imyaka 81, yayoboye Gineya Ekwatoriyari kuva mu mwaka w’i 1979. Umuryango wiwe, co kimwe n’uwa Ali Bongo, wagirijwe ko wasahuye bikomeye amatungo ya reta, kandi wakandamije bikomeye abanyapolitike batavuga rumwe na reta.

Ivyabaye muri Gabon vyerekana ibibazo bikomeye vyibonekeza ku mugabane wa Afrika, aho ari ivyumvikana ko abategetsi batari bake bagumye ku butegetsi mu kiringo kirekire cane, batinya kudeta.

Kudeta muri Gabon yabaye gatoyi inyuma y’uko Prezida ali Bongo atangajwe ko yatsindiye ikiringo kigira gatatu mu matora yarimwo amahinyu. Yamara uwamusubiriye, Jenerali Brice Oligui Nguema, nta kirangamisi gitomoye yatanze cerekeye kugaruka kw’intwaro y’igisivile muri Gabon. (AFRICANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG