Uko wahagera

Burundi: Abatandukanye Batabariza Umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye


Floriane Irangabiye
Floriane Irangabiye

Inyuma y’umwaka wuzuye neza kw’itariki 30 ukwezi kw’8, Umufasoni Floriane Irangabiye afashwe agapfungirwa mu Burundi, abaharanira agateka k’abamenyeshamakuru babona ko ipfungwa ryiwe rigereranywa n’ihonyangwa rikabije ry’agateka kiwe.

Ako kamo ni aka “Committee to Protect Journalists”, rifise icicaro mu Amerika, rigakorera kw’isi hose, riri kumwe n’ayandi mu vyo aharanira harimwo ukwishira n’ukwizana nka Human Rights Watch, na ryo nyene ry’Abanyamerika, Amnesty International ry’Abongereza na Burundi Human Rights Initiative, ryashinzwe n’abahinga bakorera mu karere k’ibiyaga binini mu vyerekeye agateka ka zina muntu.

Floriane Irangabiye, yafatiwe mu Burundi avuye mu Rwanda aho yari amaze imyaka itari mike aba. Yagirijwe gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu no gukorana n’abarwanya inzego z’igihugu. Ubutungane bwafatiye ku gikaniro yaremesheje abicishije kw’iradiyo Igicaniro, imwe mu zikorera mu buhungiro zashinzwe n’abamenyeskamakuru b’Abarundi bahunze igihugu kuva mu mwaka w’2015.

Ku bw’abashakashatsi baserukira ayo mashirahamwe yigenga, igihano co gupfungwa imyaka 10 yaciriwe, ni ihonyangwa ry’uburenganzira bwiwe bwo gushikiriza akari ku mutima.

Muthoki Mumo, aserukira CPJ mu bihugu vya Afrika yo munsi ya Sahara, kuri micro y’Ijwi rya Amerika yagize ati:" Twasavye dushimitse reta y’Uburundi gupfungura umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye, ata gisabwe. Amaze umwaka wose azira akarenganyo gusa. Ntidukekeranya ko ifatwa ryiwe, igihano yaciriwe, n’umunyororo arimwo, ari uguhohotera agateka kiwe ko gushikiriza ivyiyumviro no kuvuga ibitagenda neza mu gihugu. Ni uguhana uwugira icavuze mu mahoro ntangere. Floriane ntiyategerezwa kuba ari mu buroko. Twasemereye kandi kubera amagara amukitse kandi atariko aravurwa mu gihe ubutegetsi bwabwirizwa gukingira ubuzima bwiwe. Akwiye kurekurwa, kandi igihano kiremereye yaciriwe, kigafutwa »

N’abamenyeshamakuru b’Abarundi basabira mugenzi wabo kurekurwa. Antoine Kaburahe arongoye ikinyamakuru “Iwacu”, ni umwe mu bama batabarije Irangabiye. Afatiye ku vyo uwo mukenyezi yagirizwa, Kaburahe yemeza ko ahubwo yavuze rumwe na Perezida Evariste Ndayishimiye.

Umumenyeshamakuru Irangabiye, aheruka gufata ingingo yo kugarariza gufungura mu kiringio c’imisi 4 mw’ibohero rikuru rya Muyinga. Umwe mu bagize umuryango wiwe yabwiye Ijwi rya Amerika ko ari uburyo bwo gushikiriza umubabaro wiwe no kwerekana ko apfungiwe ubusa.

Armel Niyongere, atwara ishiramwe Acat-Burundi riharanira agateka k’abanyororo, yemeza ko ipfungwa rya Irangabiye ari ryo ricafuza isura y’igihugu kurusha ibindi vyose.

Ijwi rya Amerika ryaganiriye n’umuryango wiwe kugira rimenye ingene amagara yiwe ameze. Umwe muri bo atashatse ko amazina yiwe amenyekana kubera gutinya ko yohava agirirwa nabi, yatubwiye ko ubuzima bwa Irangabiye bugeze ahatemba, kandi ko nihagira ico aba, reta y’Uburundi izobibazwa.

Mu majambo yiwe, yongeye agira ati: “Novuga ko ubutungane bwokwisunga amategeko bukamurekura, ariko uwomurekura ni we yohava aca asubira mu kibanza ciwe. Amagara yiwe ntiyifashe neza na gato kuko aho apfungiwe ari habi, imyotsi iva mu gikoni ituma adahema neza, bikunyura ingwara yiwe ya Asma ituma ahema nabi. Ica kabiri umengo bariko barahana umuryango wose. Abavyeyi biwe ni abakukuruke kandi umuvyeyi wiwe nawe arakitswe n’amagara. Kuguma bagemurira umuntu ari ku bilometero 200 kugenda no kugaruka biraruhisha cane umuryango. Nibatezurire umuryango bamuzane basi i Bujumbura, aho yoronka imiti. Ikindi naco hari igihe abana biwe 2 bibuka aho maman wabo apfungiwe kure yabo bakarara bararira, bakirirwa bararira bakanka no gufungura, tukabanza kubahendahenda ko buca bamurekura. Ni ihahamuka rikomeye”

Twagerageje kurondera ico ubutungane bubivugako, ariko umuvugizi w’ubushikiranganji ntiyashimye kutuvugisha. Mu mategeko y’Uburundi, Irangabiye asigaranye amahirwe abiri gusa: ukwunguruza muri sentare ntahinyuzwa canke kugirirwa ikigongwe n’umukuru w’igihugu.

Ico kigongwe ni naco umuryango wiwe wipfuza cane, nk’uko vyagenze kuri bagenzi we abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu, barekuwe n’ikigongwe ca Prezida Evariste Ndayimiye, mu mpera z’umwaka w’2020, amaze amezi make abaye Prezida w’igihugu. Na bo nyene bari bafpunzwe bagirizwa ko ari abansi b’igihugu, bituma bamara umwaka n’amezi abiri mu munyororo.

Forum

XS
SM
MD
LG