Uko wahagera

Umukuru wa Wagner Akekwa mu Bari mu Ndege Yahitanye 10 mu Burusiya


Umukru wa Wagner Yevgeny Prigozhin
Umukru wa Wagner Yevgeny Prigozhin

Indege yari ivuye ku murwa mukuru w'Uburusiya, Moscou, igana igisagaea ca St. Petersburg yagize isanganya kuri uyu wa gatatu, ihitana abantu 10 bari muri yo nk'uko vyatangajwe n'abategetsi bajejwe ibikorwa vyihutirwa b'Uburusiya.

Umukuru w'abacangero b'Abarusiya, Yevgeny Prigozhin yari ku rutonde rw'abari muri iyo ndege. Yamara kuba Prigozhin yoba yari muri iyo ndege yagize isanganya mu vy'ukuri ntibiremezwa buno nyene.

Amakuru ataremezwa yatangaje ko iyo ndege yagize isanganya yari iya Prigozhin, yashinze ishirahamwe ry’abacangero, Wagner. Urwego rugenzura indege z’igisivile mu Burusiya, Rosaviatsia, rwatangaje ko Prigozhin yari ku rutonde rw’abari kugira urugendo muri iyo ndege. Yamara ivy’uko yari muri iyo ndege ntivyari bitomoye buno nyene.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Uburusiya, Tass, ryatangaje amakuru yashikirijwe n’abategetsi bajejwe ibikorwa vyihutirwa bavuga ko iyo ndege yagize isanganya yarimwo abedereva 3 n’abandi bantu 7 bari mu rugendo muri yo. Abategetsi bavuze ko bariko baratohoza iryo sanganya, ryabereye mu ntara ya Tver, aharenga ibilometero 100 mu buraruko bw’umurwa mukuru w’Uburusiya, Moscou.

Prigozhin, umukuru w’umurwi Wagner, warwanye ku ruhande rw’igisirikare c’Uburusiya muri Ukraine, yarayoboye umugumuko w’abarwanyi biwe wamaze igihe gitoyi uri ku rugamba rwo gukuraho ubuyobozi bw’igisirikare c’Uburusiya mu mpera z’ukwezi kwa gatandatu kw’uyu mwaka. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG