Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Arabiya Sawudiye Human Rights Watch, ryagirije abajejwe gukingira imbibe za Arabiya Sawudite ko bishe abimukira amajana n'amajana bakomoka muri Etiyopiya.
Muri raporo Human Rights Watch yasohoye igaruka kuri iki kibazo, yemeje ko abajejwe gucungera imbibe za Arabiya Sawudite bamijagiye ico yise “ Imvura y’amasasu” mu bimukira bariko baragerageza gushika ku butaka bw’ico gihugu, baciye ku ruhande rwa Yemeni.
Abaharurwa mu majana n’amajana Human Rights Watch igarukako muri raporo y’impapuro 73, “bose bishwe kuva mu mwaka uheze.”
Umwe mu bahaye amakuru Human Rights Watch, yavuze ko “abarashwe bose barashwe inyuma y’aho barekuriwe bavanywe mu busho. “Hari uwatakamvye inyuma y’aho aciriwe amagura asaba ko atokwicwa, ariko yaruhiwe kwicwa”… nk’uko abarokotse babibwiye, Human Rights Watch.
Human Rights Watch iti: “Ubwicanyi bukorwa na Arabiya Sawudite busa nk’akamizwe n’ingoma kuko ico gihugu gisamaza amakungu biciye mu bikorwa vy’inkino n’iminezero bitandukanye, birimwo inkino z’umupira w’amaguru n’iyindi misi mikuru. Uku si ko vyabwirizwa kugenda.”
Arabiya Sawudite yiyamirije ibiri muri raporo ya Human Rights Watch vyose ivuga ko ata shingiro bifise, kandi vyuzuyemwo ibinyoma.
Abenshi mu bimukira b’Abanyetiyopiya baja muri Arabiya Sawudite, baba bagiye kuronderayo ubuzi. Human Rights Watch, yemeza ko mu bagira Imana bagashika muri ico gihugu, harimwo n’abafatwa bunyamaswa. AFP
Forum